Reta y’Uburundi itegekanya gushiraho umurwi ujejwe kwiga ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro rya Repuburika y’Uburundi.
Mu nama nshikiranganji yo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2016, ku rutonde rw’ivyigwa muri iyo nama, ubwa mbere haza ishirwaho ry’umurwi ujejwe kwiga ibijanye n’ingingo zo mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi zohindurwa. Integuro y’ishirwaho ry’uwo murwi ishikirizwa na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri iyo nama iyobowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, abashikiranganji barigira hamwe kandi amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2017 (Projet de Loi portant fixation du Budget général de la Répubique du Burundi pour l’Exercice 2017.
- Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA
Inama nshikiranganji iriga kandi ikibazo c’amafaranga y’ibirarane (Les impayés) Reta y’Uburundi ifitiye ishirahamwe REGIDESO ritanga amazi n’umuyagankuba.

Reta y’Uburundi yari yashatse guhindura ibwirizwa shingiro biciye mu nama nshingamateka kw’igenekerezo rya 21 Mars 2014, ariko hakaba habuze ijwi rimwe gusa ry’umushingamateka Bonaventure NIYOYANKANA.
Tubibutse ko mu cegeranyo giheruka gusohorwa n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi, bamenyesheje ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.
Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi (CNDI : Commission Nationale du Dialogue Interburundais), Musenyeri Justin NZOYISABA, yamenyesheje ko ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, benshi mu bitavye ivyo biganiro basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotwara ibiringo birenga bibiri, akisubiriza ku butegetsi igihe cose abanyagihugu boguma bamwizera.
Muri uwo murwi bavuga kandi ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego.
Nibarihimdure Kuko Umutama Wacu Ntituhave Tumuhomba Nayo Abo Bavuga Bazosanga Bataye Umwanya