IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji BUNYONI yatanze intererano y’amafaranga azokoreshwa mu (...)

Umushikiranganji BUNYONI yatanze intererano y’amafaranga azokoreshwa mu matora

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’Umutekano Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko guterera amatora ari igikorwa kiraba umurundi wese, kugira amatora azogende neza.

«Jewe n’umuryango wanje twaraziganije uburyo kugira tugire ico duterereye amatora ya 2020. Dukurikije isemo ryatewe na nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatweretse, tugahamagarira n’abandi gutera iyo ntambwe kugira amatora ya 2020 azogende neza».

Alain Guillaume BUNYONI umushikiranganji w’umutekano abaye umutegetsi agira gatatu wo muri Reta y’Uburundi atanze intererano y’amatora. Uwatanguye ni umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze imiriyoni zitanu z’amafaranga, akurikirwa na Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yatanze imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi. Uwa gatatu abaye Alain Guillaume BUNYONI yatanze imiriyoni zine n’ibihumbi amajana atanu.

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bakwiye gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yavuze ko abarundi bisunze ibihe igihugu caciyemwo kuva mu mwaka w’1961, bikwiye ko bitegurira neza amatora yo mu mwaka wa 2020 no muri kazoza mu bijanye n’uburyo hamwe n’ibikoresho batarinze gusaba imfashanyo mu makungu.

Muri iryo jambo yavuze ati : « Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961. »


Pacifique BUKURU

Messages

  • Atanze make abo baba bakwiye gutanga n;iburiburi imiliyoni mirongo itanu (50.000.000 BIF). Kuko ayo matora aheze biha ibiti bikomakomeye bakayigaruza n’ukuvuga ic’icumi gusa. none tureke kubivuga. Nibareke kugora abasanzwe bikeneye. Ni uruhendo rw’amatora baragomba bavyemeze atayabaye ngo birirwe barasaba amahera abenegihugu n’inzara ibarembeje atan’icizigiro kiboneka!!! Mbe ndababaze! ayO MAGOROFA BUBAKA Y’ama miliyaridi ava he ? ko tuzi twese ingene umushahara w’umushinkiranganji uteye mu burundi!!

  • Bunyoni atanze amahera make mugabo ntaco ayandi azoyariha Avocat wiwe mu rubanza yimirije kwitaba ruzobera i la Haye muri CPI

  • Atanze make none ayo basangiye na Peter bagurishije Falcon yaroye hehe?ayo matora yo muri 2020 ntayo azobona azoba Bunyoni ari mu sentare mpuzamakungu

  • Abo batwara Uburundi barabonye yuko Abarundi turi ibihwiji vyujuje vyangombwa. Ngo ni akigoro. Wewe ubona yatanze iki? Iyo modoka yonyene yururutse irenza imiliyoni 150 (make ashoboka) z’Amarundi. Wumva harimwo imiduga isanzwe ingahe? Si niyo yaguze, ni iyo yihagiye mw’itunga ry’igihugu. Hanyuma baje ngaho ngo terera ibitafitiye akamaro na gato Abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.