Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yemeza ko igitoro kigiye kuboneka kuva mu (...)
Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yemeza ko igitoro kigiye kuboneka kuva mu ndwi iza
vendredi 19 Rusama 2017, par
"Nagira ndabahumurize ndababwira ko igitoro kigiye gufata inzira nziza yo kwinjira mu gihugu, hanyuma turabe ko dusubira mu bihe nk’uko twari tumeze mu Burundi. Nivyo bizodufata akanya kugira dusubire kuri ya ntambwe twariko."
Umushikiranganji Come MANIRAKIZA ajejwe amasoko ntanganguvu arabeshuza ibivugwa ko igihugu ca Tanzaniya cahagaritse gukorana n’Uburundi mu bijanye n’urudandazwa rw’igitoro, muri ico gihugu akaba ariho haca igitoro cose cinjira mu Burundi.
"Igitoro nivyo kizanana muri Tanzaniya giciye ku kivuko ca Dar Es Salaam, ariko kandi abasanzwe bakizana hano mu gihugu bazana ivyo bashoboye. Hariho amanama twagiranye kugira twumve ko ama kamyo agiye kuzana igitoro gikwiye kugira ama Stations asubire kuronka igitoro nk’uko vyahora."
Umushikiranhanji MANIRAKIZA asaba abakenera igitoro ko botekana, akabizeza ko kigira gisubire kuboneka nk’uko vyahora, akemeza ko imiduga ikizana iri mu nzira iza mu Burundi. Imiduga ya mbere ikizanye izoshika mu Burundi kuva ku munsi wa mbere nk’uko umushikiranganji MANIRAKIZA yabimenyesheje kuri uwu wa mbere.
- Come MANIRAKIZA, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu
Messages
19 Rusama 2017, 19:12, par tuzokomezakubaho
imbeba ihiye kumurizo ngo bucetuharabe
,nikize tubone
19 Rusama 2017, 20:39, par Niyonzima Emmanuel
Turakeje Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe ivyerekeye igitoro kuri iryo tangazo ashikirije. Inkuru ihumuriza ku Barundi.
19 Rusama 2017, 21:46, par wariraye
leta yanyu yananiwe gutwara gira mugende mwoye gusenyurira uburundi mumanga.pays sans carburant,devises,electricite,.......caracterise par le vol,l,assassinat,......
tres domage
19 Rusama 2017, 22:24, par Paul Havyarimana
Turabishimye cane ariko hari hakwiye kwigwa itegeko rikwiragiza ama stations ya leta mu ntara zose z’igihugu zikamana igitoro kugira zisahirize mu gihe habaye ibura ryaco nk’uku bigenze.
20 Rusama 2017, 00:46, par John
Twizere ko ivyo bitanga icigwa kuvyerekeye aho dushobora kumeregwa nabi ababanyi batuzibiriye imihora. Bisaba ko ubutegetsi bwokwiyumvira imihora itandukanye yose ishoboka bitabaye ivyo naho bakibaza icokogwa kugira twirinde ingorane nkizo
20 Rusama 2017, 08:49, par imboneza-gitega
biragoye kwizera mugihe nkiki.nkubu je ndi umushoferi maze imisi ibiri ndara mumodoka aho nye imodoka yanje iri kumurongo.ikimbabaza nuko nuwo nahaye moto ngo ayikoreshe muri transport yagiye gutonda ngaha muri station gitega(kwa zobel) comissaire regional agaca aza akegeranya moto zose ajana muri rejion.ahubgo reta nikore ibishoboka kugira igitoro kiboneke kuko ntamuntu azicwa ninzara hariho ababifise,hamwe ukwezi kwohera uhereye uno musi nuwuzoba avuye gusuma bazobimwaka walah
20 Rusama 2017, 09:23, par Jérôme NYABENDA
Vyoba vyiza cane naho bokiduza kuko abikika mukiza mukukigurisha kumanyanga baca biyongera igihugu n’abenegihugu bagahomba cane imirimo nayo ikagenda nabi,abakozi bataye akarangamutima bakabigira urwitwazo.
20 Rusama 2017, 10:33, par nsabimana
Vyoba vyiza cn gusubiriy kubonek ntawutobishima
22 Rusama 2017, 11:04, par leon
Imana yodufasha kigadubira kuboneka byoba ari vyiza cane kuko hari imirimo idasubira gukoreka neza nkuko umuntu avyifuza
7 Ruheshi 2017, 19:10, par w
ok nisawa ngirago vyoba arisawa