Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji MANIRAKIZA yemeza ko igitoro ca "Essence" gihari
Umushikiranganji MANIRAKIZA yemeza ko igitoro ca "Essence" gihari
mardi 12 Nyakanga 2017, par
Iminsi itanu iraheze hibonekeza imirongo ahadandarizwa igitoro. Abakoresha imiduga y’ukwunguruza abantu n’ibintu bavuga ko igitoro casubiriye gukena, bakaba bakironka bigoranye, canke bakakigura amafaranga y’umurengera.
Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bamenyesha ko ku vyegeranyo bafise, biboneka ko igitoro co mu bwoko bwa "Essence" gihari ku rugero rukwiye mu gihugu cose. Mw’itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji bavuga ko bitumvikana icotera ubwo bukene.
- Come MANIRAKIZA, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu
Ubwo bushikiranganji busaba abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano gukora ibishoboka vyose kugira ibiciro vyashinzwe vyubahirizwe, abofatwa badandaza kuri magendu nabo babihanirwe.
Egide NDUWIMANA