IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji aheruka kugandagurwa yasubirijwe muri Reta y’Uburundi

Umushikiranganji aheruka kugandagurwa yasubirijwe muri Reta y’Uburundi

lundi 23 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenwe kuri uwu wa mbere uwusubirira umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU aheruka kugandagurwa arashwe. Céléstin NDAYIZEYE niwe mushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi, ajejwe amazi, ibidukikije, hamwe n’ugutunganya ibisagara.

Ubutungane bw’Uburundi bumenyesha ko abantu batandatu harimwo abagabo 4 n’abagore 2 aribo bikekwa mu rupfu rwa Emmanuel NIYONKURU.

Nk’uko biri mu cegeranyo mfatakibanza cashizwe ahabona n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, inyuma y’amatohoza amaze gukorwa, basanze ubwicanyi bwahitanye Emmanuel Niyonkuru bwakozwe n’inkozi z’ikibi zitwaje ibirwanisho zamutegereye kw’irembo ry’urugo rwiwe ruri muri Rohero ya mbere, Komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, aho akaba ari mu gihe uwo mushikiranganji yari atashe.

Umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU yitavye Imana mu bucagucagu bwo kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2017, avuye mu buriro "Restaurant Chez Andre".

Céléstin NDAYIZEYE ni umututsi wo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Yahora ari umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Muramvya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.