IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji ajejwe EAC arashima ivyaranguwe naho hari intambamyi (...)

Umushikiranganji ajejwe EAC arashima ivyaranguwe naho hari intambamyi z’uburyo

mardi 1er Myandagaro 2017

Mu kaganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka wa 2017, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko ubushikiranganji bwasiguriye bwongera burigisha abanyagihugu imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Isabelle NDAHAYO aramutswa ubushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, yavuze ko mu ntumbero yo kumenyekanisha akarere ka Afrika y’Ubuseruko, hatunganijwe ihiganwa mu bijanye no gucapa ibimenyetso tsitso biranga akarere ka Afrika y’Ubuseruko, guhimiriza no gutanguza icese ihiganwa rishingiye kwandika ivyese ku muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Muri ico kiganiro umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ko ubushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, bwakiriye amanama mpuzamakungu atandukanye, kakaba kabaye n’akaryo ko kwerekana ishusho nziza y’aho Uburundi bugeze mu gutsimbataza amahoro n’umutekano.

JPEG - 88.7 ko
Isabelle NDAHAYO,umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka EAC

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko ubushikiranganji bwishikiye ku kivi ahariko harangurirwa umugambi ujanye n’isuku hamwe n’ukwongereza amazi meza mu banyagihugu.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yavuze ko naho hari ibikorwa nyamukuru vyaranguwe n’ubushikiranganji,ubwo bushikiranganji nyene bwarashoboye guhagararira inyungu z’Uburundi mu manama ategekanijwe n’amategeko canke ayadategekanijwe n’amategeko.

Ku bijanye n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, umushikiranganji yavuze ko iryo faranga rishobora gutangura gukoreshwa mu mwaka wa 2024, kuko hari ibikorwa vy’abahinga biriko birakorwa, kandi haramaze gushirwaho intumbero n’amategeko agenga iryo faranga.

N’aho ibikorwa bitandukanye vyaranguwe ku rugero rushimishije mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko amenyeshe ko ata vyera gusa, kuko ikibazo c’uburyo mu gutunganya ibikorwa cabaye intambamyi mu bikorwa bimwe bimwe, kuko bamwe mu batanga uburyo bahagaritse.

Naho biri uko, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ko bagerageza gutorera umuti ibitagenda neza ku munsi ku munsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.