Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yerekanye abashobora kwiga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yerekanye abashobora kwiga (...)

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yerekanye abashobora kwiga imyuga

jeudi 24 Myandagaro 2017

Felix MPOZERINIGA arongoye ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi avuga ko hamaze kujaho amategeko agenga ingene amashuri y’imyuga akora,kugira abaheza muri yo basohoke bakwiye kwitwa abanyamyuga vy’ukuri.

Umushikiranganji Felix MPOZERINIGA agasigura ko muri ayo mashuri hiyandikishayo,abanyeshuri bize mw’ishuri nshingiro,ariko batatoye ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure nshingiro.

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi akamenyesha kandi ko amashuri y’imyuga yakira kandi abadafise akazi, basanzwe bafise impapuro z’umutsindo zitabatuma bakora akazi k’imyuga.

JPEG - 88.6 ko
Felix MPOZERINIGA,Umushikiranganji w’abakozi n’akazi

Amashuri y’imyuga yahora mu bushikiranganji bw’indero,yashizwe mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi inyuma y’itanguzwa ry’indinganizo nshasha y’ishuri nshingiro


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.