Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yerekanye abashobora kwiga (...)
Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yerekanye abashobora kwiga imyuga
jeudi 24 Myandagaro 2017
Felix MPOZERINIGA arongoye ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi avuga ko hamaze kujaho amategeko agenga ingene amashuri y’imyuga akora,kugira abaheza muri yo basohoke bakwiye kwitwa abanyamyuga vy’ukuri.
Umushikiranganji Felix MPOZERINIGA agasigura ko muri ayo mashuri hiyandikishayo,abanyeshuri bize mw’ishuri nshingiro,ariko batatoye ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure nshingiro.
Umushikiranganji w’abakozi n’akazi akamenyesha kandi ko amashuri y’imyuga yakira kandi abadafise akazi, basanzwe bafise impapuro z’umutsindo zitabatuma bakora akazi k’imyuga.
- Felix MPOZERINIGA,Umushikiranganji w’abakozi n’akazi
Amashuri y’imyuga yahora mu bushikiranganji bw’indero,yashizwe mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi inyuma y’itanguzwa ry’indinganizo nshasha y’ishuri nshingiro
MUGISHA Van Naris
Messages
24 Myandagaro 2017, 20:52, par NDAYIZEYE
25 Myandagaro 2017, 08:47, par Hafsa
Ntiwokwitwa Mpozeriniga ngo utange indero nziza,ntibikunda,izina niryo muntu