IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko umwimbu uzoba mwiza ku (...)

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko umwimbu uzoba mwiza ku mpeshi

jeudi 23 Ntwarante 2017

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi mu Burundi bumenyesha ko bugiye gutanga imbuto z’ibiterwa bitandukanye mu ntara zine zibonekejemwo inzara.

Mu kiganiro umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yahaye abamenyeshamakuru yavuze ko abarundi bohumura kuko umwimbu uzoba mwiza mu gihe c’impeshi.

Muri ico kiganiro, umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze ko mu ntumbero yo kurwanya inzara, icihutirwa kiriko kirakorwa ari ugukingira isi ndimwa, biciye mu guca imikobeko no gutera ivyatsi birwanya inkukura.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko mu gihe c’agatasi umwimbu muke n’inzara vyibonekeje mu ntara zine kuri 18 zigize igihugu c’Uburundi.

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko buriko burungika abahinga kwiga mu bihugu vyo hanze ukuntu bokorera ku butaka bw’Uburundi imbuto zirobanuye zizwi nka hybrides mu gifaransa.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yabwiye abamenyeshamakuru ko gukoresha imbutoi zirobanuye bizotuma umwimbu w’ibiterwa bimwe bimwe wiyongera hafi incuro zine.


IGIHE

Messages

  • noneko ihinga ryarangiye izo mbuto zizomara iki?

  • nisawa nyakubahwa minisirikomuriko muca hasi hejuru kugira umwimbu uboneke nanje ndagushigikiye mukurwanya inzara mukurima nokworora nokurwanya inkukura noguca imikobeko noguteragira ivyatsi kumikobeko ariko itegeko ryukuragirira munzu rijeho

  • nisawa nyakubahwa minisirikomuriko muca hasi hejuru kugira umwimbu uboneke nanje ndagushigikiye mukurwanya inzara mukurima nokworora nokurwanya inkukura noguca imikobeko noguteragira ivyatsi kumikobeko ariko itegeko ryukuragirira munzu rijeho

  • Vyoba Vyiza Nyene Muburundi Ko Tworima Imbuto Nkizo Zimbuka Inzara Ikagabanuka Ubu Natwe Abashomeri Tugiye Muvyo Kurima, Ntitwunguka Kubera Umwimbu Muke Wibonekeza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.