Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi arashima ivyakozwe mu gisata c’ubworozi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 janvier 2018 saa 06:13
3930
0 0

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko bushimishwa n’ivyaranguwe mu mwaka wa 2017 naho hari intambamyi bahuye. Muri izo ntambayi, umushikiranganji Deo Guide RUREMA avuga ko, mu ntambamyi bahuye, harimwo uburyo buke bukenerwa mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi.

Igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi mu mwaka uheze wa 2017, umushikiranganji Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko umwimbu mwiza bashitseko bawukesha inguvu bakoresheje mu kugenzura neza ibikorwa.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze ko mu gisata c’ubworozi hatanzwe inka 97 zo mu bwoko alpine, izo nazo zikaba zatanzwe n’umugambi wahoze witwa Caprin.

Muri ico gisata nyene, haravutse inyana 102, haratangwa kandi ingurube 101, muri izo 405 zatanzwe i Mparambo, mu gihe 35 zatanzwe mu Vyegwa ; hakaba kandi n’amafi mato mato 15000 yamaze gutangwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha