IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji ntavuga rumwe n’umuvugizi wiwe ku kibazo c’ubutare bwa (...)

Umushikiranganji ntavuga rumwe n’umuvugizi wiwe ku kibazo c’ubutare bwa "Terres rares"

vendredi 29 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yaremesheje umunsi yariko ashikiriza ivyanguye n’ubushikiranganji arongoye mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka w’2017, umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, Come MANIRAKIZA yari yamenyesheje ko muri ayo masezerano ata binyegezwa abanyagihugu birimwo.

"Nta kinyegezwa kirimwo. Ayo masezerano yerekwa umuntu wese ayakeneye kugira ashobore kubona ibirimwo ivyarivyo. Ni igikorwa turiko turakora. Ubutare n’ubw’abenegihugu butegerezwa gukora ku neza y’abenegihugu, abo benegihugu bafise uburenganzira bw’ukumenya amasezerano yose abaye hagati ya Reta n’ishirahamwe iryariryo ryose muri ico gisata"

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Leonidas SINDAYIGAYA we siko abibona, akavuga ko ibiri muri ayo masezerano bidakwiye kumenyekanishwa kuri bose.

"Amasezerano yarabaye, haba ngaha iwacu, haba kw’isi, amasezerano nk’ayo ntibirekuriwe ko aja mw’ibarabara."

Muri izo mvugo zibiri hagati y’umushikiranganji n’uwo amuvugira, Leonidas SINDAYIGAYA amenyesha ko hari ingingo zivuga ko ayo masezerano adakwiye gushirwa ahabona.

Ibikorwa vy’ugucukura ubutare (Terres rares) vyatangujwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu kwezi kw’indwi uwu mwaka. Ikigo kizofasha mu kubucukura kikaba kiriko kirubakwa mu Kabezi, intara ya Bujumbura rural .


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.