Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru arashima ibikorwa vy’abamenyeshamakuru muri 2017

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 décembre 2017 saa 09:17
5460
0 0

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru arashima uko abamenyeshamakuru bakoze umwuga wabo mu mwaka wa 2017, akabasaba ko mu mwaka wa 2018, bobandanya gukora bubahiriza amategeko y’igihugu n’ayo umwuga.

Inyuma y’ikiganiro umukuru w’igihugu yaremesheje kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, Nestor BANKUMUKUNZI aramutswa ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru yavuze ko umwuga wo kumenyesha amakuru ariwo mwuga urimwo abantu baciye ubwenge kurusha abandi.

Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko bishika abamenyeshamakuru bakarondera amakuru mu nzego za Reta, ariko abo nabo bakaba ata mwanya bafise wo gutanga umuco, aca asaba abamenyeshamakuru ko igihe cose bobona ko bahava bakenera umuntu, bobimumenyesha hakiri kare kugira arondere akanya.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yavuze ko yiteguye kwakira uwumwitura wese, ivyo akabikora yisunze ko nawe yakozwe uwo mwuga,azi intambamyi abamenyeshamakuru bahura nazo.

Mu ntumbero yo kwagura umwuga wo kumenyesha amakuru,Nestor BANKUMUKUNZI yamenyesheje ko hari umugambi wo gushiraho urwego rw’abavugizi, mu ntara bikazofasha abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru hagati mu gihugu, hamwe n’amaradiyo akorera mu gihugu hagati.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yemeye ko Reta izobandanya gushigikira abamenyeshamakuru, ariko nabo bagasabwa kurondera amakuru cane, mu bisata vyose atari ukwisunga amakuru ya poritike gusa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha