IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO ntiyashizwe ku rutonde (...)

Umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO ntiyashizwe ku rutonde rw’abazokwiyamamaza

lundi 16 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu murwi CENI bemeza ko mu biyandikishije kugira bazokwigishe ugutora EGO canke OYA mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, batatu bigenga barankiwe. Muri abo batatu bigenga batatu batemerewe, harimwo umwe yasavye ubwiwe ko CENI yomukura ku rutonde, kuko yabajije umutima asanga ntiyoja mu myiyamamazo.

Uwa kabiri muri CENI bavuga ko inyuma y’amatohoza bakoze, basanze vyoba vyiza batamugumije ku rutonde rw’abazokwiyamamaza.

Uwa gatatu ni umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO yatowe mu ntara ya Bubanza, mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI.

Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI arasigura igituma uwo mushingamateka atashizwe ku rutonde rw’abigenga bazokwiyamamaza :

"Ivyerekeye umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO ari mu nama nshingamateka. Yinjiye mu nama nshingamateka yitwa Abigenga Mizero y’abarundi. Twamubajije duti mbega hari igipapuro kitubwira ko wavuyemwo? Ati OYA. Twongera turabaza inzego aho akorera, duti mbega uwu muntu yaravuyeyo? Bati OYA. Duca tubifatanya ko Amizero y’abarundi yaje kwiyandikisha hano, duca dusanga uwo muntu yinjiye mu kibanza yitwa Amizero atoguma ku rutonde."

JPEG - 22.5 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI

N’aho biri uko, umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO yemeza ko akwije umwaka avuye mu runani rw’abigenga Mizero y’Abarundi. Uwo mushingamateka avuga ko n’ikete ry’uko atakiri muri urwo runani yaryanditse, arishikiriza inama nshingamateka y’Uburundi, hamwe na RWASA Agathon ayoboye urwo runani rw’abigenga.

JPEG - 47 ko
Umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO

Umurwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora umenyesha ko wakiriye imigambwe hamwe n’abigenga bagera kuri 27 biyandikishije kugira bazokwiyamamaze mu matora yimirije y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Amatora y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, imyiyamamazo y’ugutora EGO canke OYA ikaba izotangura kw’igenekerezo rya mbere Rusama, imare indwi zibiri.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.