IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutimbo Antime BARANSAKAJE yitavye Imana

Umutimbo Antime BARANSAKAJE yitavye Imana

lundi 10 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Antime BARANSAKAJE, inararibonye mu bavuza ingoma mu Burundi (Abatimbo) yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled, nk’uko umuryango wiwe uvyemeza.

Uwo mutama asandavye mu gihe abaganga bakurikiranye amagara yiwe bari basavye ko yorungikewa kuvurirwa i Narirobi canke mu Buhindi, ntivyashoboka ku mvo z’ukubura uburyo nk’uko umuryango wiwe ubimenyesha. Uwo mutama w’imyaka 91 yamanukanwe i Bujumbura mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2016.

Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa yari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda umwaka w’2016, amagara yiwe akaba yari abangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki.

BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.

Mu mwaka w’2014, ishirahamwe FOCODE ryarahaye agashimwe Antime BARANSAKAJE, yatowe nk’uwarushije abandi mu gikingira akaranga k’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.