Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutimbo Antime BARANSAKAJE yitavye Imana
Umutimbo Antime BARANSAKAJE yitavye Imana
lundi 10 Ndamukiza 2017, par
Antime BARANSAKAJE, inararibonye mu bavuza ingoma mu Burundi (Abatimbo) yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled, nk’uko umuryango wiwe uvyemeza.
Uwo mutama asandavye mu gihe abaganga bakurikiranye amagara yiwe bari basavye ko yorungikewa kuvurirwa i Narirobi canke mu Buhindi, ntivyashoboka ku mvo z’ukubura uburyo nk’uko umuryango wiwe ubimenyesha. Uwo mutama w’imyaka 91 yamanukanwe i Bujumbura mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2016.
Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa yari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda umwaka w’2016, amagara yiwe akaba yari abangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki.

BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.

Mu mwaka w’2014, ishirahamwe FOCODE ryarahaye agashimwe Antime BARANSAKAJE, yatowe nk’uwarushije abandi mu gikingira akaranga k’Uburundi.

IGIHE
Messages
10 Ndamukiza 2017, 07:44, par Vyumvuhore Erce
imana iramwakira ndumvayarakoze vyishimugihungu kandiyarakuze
10 Ndamukiza 2017, 08:39, par Mob
Imana imwakire mubayo iyoo bamwohereza ikigali
10 Ndamukiza 2017, 09:10, par kamanda murundi yuzuye
NI YIRUHUKIRE YARAKOZE VYIZA RAMBA MUTAMA URYAME AMAHORO
10 Ndamukiza 2017, 09:21, par T. Nsavyinganji
Qu’il se repose éternellement dans la joie!
10 Ndamukiza 2017, 11:04, par Ntahomvukiye Jean Baptiste
Naruhuke Mumahoro Natwe Turinyuma Imana Imwakire Mubwami Bwayo Kandi Akaranga Kuburundi Ndumva Yaragakingiye Mana Mwakire Kand Aruhuke Mumahoro
10 Ndamukiza 2017, 13:26, par Francesco
Mutama Antime,
Imana ikwakire mu Bwami bw’ ijuru, ugiye Amahoro warateye Amakungu amenya Ingoma y’ iburundi imenyekana kw’ isi hose!!! kandi barayikunda.
Que ton âme repose dans la paix eternelle.
10 Ndamukiza 2017, 15:15, par .
@Mob, barya banyarwanda birirwabarapfa ntibapfa iyo Kigali ihari!?
Jewe hariho bammwe mubanyarwanda mbonamengo barwaye toroma!!!!!!!!
Kuko mumwaramo uheze hariho umu dogiteri womurwanda yapfiriye Kigali.
10 Ndamukiza 2017, 18:52, par keziya
mungu mpokee mze antime ariye zingatiya utamaduni wa inchi akaitamburisha inchi yake ugenini mpaka burundi inajurikana dunia nzima tunaomba mungu amuweke mahari mazuri kabisa iri aweze kuturiya amina
10 Ndamukiza 2017, 21:23, par AARON
BARI BAKWIYE KUMWIBUKA KUKO NUMURUNDI WINTARI
11 Ndamukiza 2017, 17:38, par NZOYISABA bernard
Imana imwakire mubwamibwayo agiye ashikanye ingoma kure .
11 Ndamukiza 2017, 19:47, par nitonde
antime baransakaje,Imana Ikwakire mubwami bwao warabaye intwari kabisa mukumenyesha uburundi kuber’ingoma
12 Ndamukiza 2017, 02:39, par varantin chiro gihehe
yarisokurumukureramukarangaimanimwakiretuhojejeumungo
6 Munyonyo 2017, 20:20, par espérance
yari intwari ,niyigire amahoro