Umuvugizi w’umugambwe MSD ariyamiriza amasanamu y’abana baririmba indirimbo z’ivyabaye muri kahise

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 juin 2017 saa 07:24
Yasomwe : 16956
0 0

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko amasananu amaze iminsi atembera ku buhinga ngurukanabumenyi yerekana urwaruka ruriko rugaruka ku vyabaye mu Burundi,ata yindi ntumbero afise atari kwigisha amacakubiri, kubiba urwanko,no gucanishamwo abarundi.

Mw’itangazo umuvugizi w’umugambwe MSD yashize ahabona amenyesha ko ayo masanamu yerekana ko ata mugambi umugambwe uri ku butegetsi ufitiye urwaruka atari kubigisha ingene bosambura igihugu kandi babigishije kugira baronke ico bakora.

Muri iryo tangazo,umuvugizi w’umugambwe MSD asaba amakungu kuva mu gacerere arimwo,no gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi.

Ku bijanye n’abanywanyi b’umugambwe MSD BANGIRICENGE Leo na Remy NDAGIJIMANA banyurujwe,umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko bafise amakuru yo kwizerwa ko bamaze kwicwa ariko ko ikibabaje ari uko atawushobora no kuronka ibiziga vyabo.


Kumenyekanisha

1
manirakiza 5-06-2017 à 12:36

ntakindi bafise bigisha atarugwanko n’amacakubiri

2
Karenga 5-06-2017 à 06:23

Sibibi Kubwira Umwana Icakubayeko Ukirimuto Caba Kibi Umubuza Kugikora

3
MINANI WILLINGTON 4-06-2017 à 11:05

Kama Waliuwa Nawao wakifa Niharari Yao Wanachama Wenu Mlishinda Kuwafundisha Kuipenda Inchi Yao Mkawafundisha Kuibomwowa Ache Muvune Hayo Mana Ndiyo Mliyo Panda,,,,,,,,

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha