Tereza BANDUSHUBWENGE, umuvyeyi w’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE yitavye Imana mu gihe yari asigaye wenyene, umushingantahe wiwe akaba amaze igihe kitari gito yitavye Imana.
Mu mwaka wa 2014, aho Uburundi bwari buramutse bwibuka imyaka 21 iheze incungu ya Demokarasi agandaguwe, Tereza BANDUSHUBWENGE umuvyeyi wiwe yabwiye ikinyamakuru Iwacu,ko yiteguriye gutanga ikigongwe ku bamuhekuye, agasaba ariko ko bobanza kumusaba ikigongwe, akamenya abamugandaguye, n’ico bamuhoye, kuko ku bwiwe, yazize ubusa kuko atari bwanatware ngo babone ko hari abo atatunganirije.
Umuvyeyi Tereza BANDUSHUBWENGE yavuze ko, umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior kuva akiri muto, atigeze agira ingeso yo gukumirana canke ngo arenganye umuntu bivanye n’ubwoko bwiwe canke ivyiyumviro vyiwe.
Inyuma y’imyaka 24 umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior agandaguwe, Tereza BANDUSHUBWENGE, umuvyeyi yarasigaye w’incungu ya Demokarasi ashengeye atamenye ukuri ku rupfu ry’imfura yiwe.
Andika hano Imana Imwakire