Umuyangankuba wa REGIDESO ntuzotangwa neza kuva kuri uwa wa gatatu

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 23 Myandagaro 2017 saa 04:17
Yasomwe : 9324
0 0

Ishirahamwe ridandaza amatara n’amazi mu Burundi (REGIDESO) rimenyeshako kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 23 gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Myandagaro 2017, ibikorwa vyo gutanga umuyagankuba ko bitazogenda neza, bitumwe n’ibikoresho vyaryo biri muri SNEL no kw’ibarabara ry’igihugu nomero imwe (RN1) bizoba biriko birahindurwa.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe REGIDESO, basaba abanywanyi bose kwihangana kubera ukwo guhungabana mu kuronka umuyagankuba, bakabasaba kandi kwiyungunganya mu kwibangikanya ibikenewe muri co gihe.

Mwomenya ko ishirahamwe REGIDESO rivuga kandi ko kubera umuriro wateye ahakorera ubudandaji bw’iryo shirahamwe i Bujumbura, abakeneye kugura umuyagankuba bokwerekeza mu bindi bibanza vy’iryo shirahamwe, muri zone ya Kamenge na Kanyosha, hamwe n’ahakorera ishirahamwe Payway risanzwe rikorana na Regideso. Abakeneye kuriha amazi nabo bahora barihira kuri iyo nyubakwa, basabwe kurindira gushika ibikorwa vy’ugusanura ahatewe n’umuriro kuri uwu wa gatatu biheze.


Kumenyekanisha

1
Gashatsi 24-08-2017 à 08:20

Ngo "Umuyagankuba wa REGIDESO ntuzotangwa neza".
Woba wahora utangwa neza iyindi minsi?
Vyokunda gute ko REGIDESO itanga ivyo idasanzwe ifise?

2
ORIVIER 23-08-2017 à 21:42

NIBIHANGANE NAKAREHAKO VYOTERA INGORANE VYOKOGWA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha