IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi ajejwe ibitoro yasabiwe gukurwa mu kazi

Umuyobozi ajejwe ibitoro yasabiwe gukurwa mu kazi

vendredi 28 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe OLUCOME ryasavye umushikiranjani w’Uburundi ajejwe amasoko ntanganguvu, bamusaba ko yokura mu kazi kiwe umuyobozi ajejwe ivy’igitoro muri ubwo bushikiranganji. Muri OLUCOME bavuga ko biboneka ko ikibazo c’ubukene bw’igitoro cananiye uwo muyobozi gutorera inyishu.

Mw’ikete OLUCOME yandikiye umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, bamwibukije ibibazo bitandukanye bihanze igisata c’igitoro mu Burundi, ubukene bwaco bwibonekeza hamwe n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro buhari, bugatuma abarangura igitoro hanze batoroherwa, nk’uko vyemejwe n’umurwi ujejwe intwaro ibereye mu nama nshingamateka.

Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, Damien Mpitabakana, ajejwe ivy’ibitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, yamenyesheje ko ubukene bw’igitoro bwatewe n’ikibazo c’ubuhinga muri OBR, ariko muri OBR bakaba baciye bashikiriza ko ata kibazo c’ubuhinga bagize. N’aho uwo muyobozi yari yijeje ko igitoro kigiye kuboneka, indwi yose iraheze hakiboneka imirongo miremire mu bibanza bidandarizwamwo igitoro.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ubukene bw’igitoro buhungabanya ubutunzi bw’igihugu, arico gituma basavye umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu mu Burundi ko yokura mu kazi ajejwe umuyobozi ajejwe ivy’ibitoro muri ubwo bushikiranganji.

Mu gihe ivyo bisabwe bitokorwa, ishirahamwe OLUCOME rivuga ko bizoca biboneka ko ibikorwa n’uwo muyobozi abitumwa n’abari hejuru yiwe mu mabanga ajejwe.


IGIHE

Messages

  • Umwera uva ibukuru ugakwira igihugu Ni mumureke niko yarezwe impfizi yi ntama ngwitembera nkase simbarwa ningene hari abarikwibuka kubogora barasheshe harya ngwangasozi kintahanurwa Ngo kama gasha abagabo babona nikazima mwirirwa mufata nutwotwocumbishije kumwe bakirirwa batwononera mukwirirwa babumba imigina nkimikenye mugihugu cose Ngo ninzibutso

  • Oya wamugabowe wa OLUCOM, iyusavye ikintu ukabubona cunvikana ntuheza nguce urinda kugerekako ayandimajambo ngo bidakozwe ngwivyobikorwa babikorana nabanabariya, bamwitonda iyomuvuga kuko harigihe mubamuvuga ibintuvyumvikana ariko iyomuciye mugerekaho amajambo yogusitanurana tucatubona mengo mushaka kucamuvumbikamwo vyabintuvyanyo vyakagayo nokugumura kuko ntiturabashira amazinda.

  • umuntu wi mbura kimazi abura ICO yohanura .gikwiye gukogwa akaja muvyo gutukana.iciyunviro canje nunva atarugukugwa mukazi ahubwo nashishikare ahamagarira abacuruzi bigitoro kuza muburundi aribenshi.not kugumana umu sapraya umwe.kuko ingorane ndibaza hanini ziva kuka company isazwe izana igitoro mugihugu iyo ibaye imwe igahura nibibazo nkivyo nyene vyifaranga ryagaciro nibindi urunva kwigihugu cose kibagihuye ningorane.

  • umuntu wi mbura kimazi abura ICO yohanura .gikwiye gukogwa akaja muvyo gutukana.iciyunviro canje nunva atarugukugwa mukazi ahubwo nashishikare ahamagarira abacuruzi bigitoro kuza muburundi aribenshi.not kugumana umu sapraya umwe.kuko ingorane ndibaza hanini ziva kuka company isazwe izana igitoro mugihugu iyo ibaye imwe igahura nibibazo nkivyo nyene vyifaranga ryagaciro nibindi urunva kwigihugu cose kibagihuye ningorane.

  • Uwo mushingantahe rupfiri ateye amakenga,iyo nvugo yiwe siyuyumusi nimbere ya coup d’Etat yarabivuga,kumbe arivyihishije inyuma,bimwe mwabona le13 mai2015,ahubwo nibahagushire wewe nyene turabe,ariko woca ugituriza igihugu,kumwe mwaturira isoko,ngo mwerekane kwari l’Etat yabikoze,ama dor nama erro yase muguma muyegeranya muyajabukana mugwanda ,hama nawe ngo gusubiza ubuunzi bwigihugu inyuma,mwibaza rero ko tutababona,uwubundabunda abonwa nuwuhagaze,ndabahanura rupfiri ko mwobireka kuko umisi utazi muzohinyuka,imisi yanyu ni 40jours.gezaho twarabahinyuye.

  • Nimurabekabisaturaho nyekabisatugirekutare ngaumupakaducetubera nigitoromyuvagute?

  • Abarundi mubayeho kumanegeka nimpuhwe zimana gusa

  • ntakuntu,igitorocobura,ababijejwebahari,mukorereko

  • Jewe ntangazwa n’imvugo z’abategetsi b’u Burundi, murivugisha ivyo u Rwanda rutarabuza ama Camions kujabuka azana igitoro ino!Imana ihezagire u Rwanda na President wabo ku mpuhwe bafitiye twe Abarundi

  • Wagerageza guhanura nuko akamo kawe gaterwa abasuma n’abambuzi bakuze basahura, biba inka, impene,ingurube, ipanya, nuwanikiye ivyahi baravyanura!!! Urumvako imbeba uyishize mukigega ataco isiga!!! Aba DD n’amasiha!!!!

  • Baratevyekumukura Guko Ikena Ryigito Riratoje Retayuburundi Nuwujejwe Isokonkuru Yagitega Arakwiye Gukugwa Guko Ukumusi Mukuru Ubaye Bacabugarisoko Kandi Abadandaza Babarihisha Gukwezi Ucerewe Kwishura Agacariha Amande Yibihumbi Bitandatu Gukwezikumwe Akongera Agatangana Nayategekanijwe Kukwezi

  • Baratevyekumukura Guko Ikena Ryigito Riratoje Retayuburundi Nuwujejwe Isokonkuru Yagitega Arakwiye Gukugwa Guko Ukumusi Mukuru Ubaye Bacabugarisoko Kandi Abadandaza Babarihisha Gukwezi Ucerewe Kwishura Agacariha Amande Yibihumbi Bitandatu Gukwezikumwe Akongera Agatangana Nayategekanijwe Kukwezi

  • Ivyo Mu Burundi Biragoye Kko Abo Two Kwizera Nibo Baduhemukira Gusa Ni Bahe Akazi Abagakwiye

  • Ahubwokumukurasiwomuti,baribakwiyekujahamwenabobafashanyabakigirahamweicokibazo

  • @Mukosozi, Ikiranga DD nugutukana kumwe kwa Gelase Ndabirabe n’umuvugizi wa Leta y’icaduka Nzobonarirwa!!! Ntaciyumviro nakimwe mugira kiretse umugambi mubi wukumara abarundi nugufata abigeme n’abakenyezi kunguvu ngo bavyare interahamwe!

  • None Uwomuyobozi Koyahoze Ntagire Icoyireguza Nagire Icabwira Abarundi Kugira Tumenye Ingorane Tubura Igitoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.