Umuyobozi mushasha wa API avuga ko agiye gushiraho imigambi ijanye n’ibihe vya none

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 20 Munyonyo 2017 saa 04:20
13935
0 0

Umuyobozi mushasha agiye kurongora ikigo c’abanyamitahe API (Agence des Promotions des Investisseurs) amenyesha ko bagiye gushira imigambi mishasha ijanye n’uburyo bwa none izotuma igihugu gihurumbirwa n’abanyamitahe benshi bazana imitahe yabo mu Burundi.

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa mbere, mu gihe haba ibisikanya hagati y’umuyobozi mushasha n’uwahahora, Leonard Sentore aheruka kugenwa mu burongozi bwa API yashikirije ko imigambi mikuru mikuru itari bwaje mu ngiro agiye gukora ibishoboka kugira ikorwe.

JPEG - 138.2 ko
Leonard Sentore aheruka kugenwa mu burongozi bwa API

Imwe muri iyo migambi ni iyijanye no gushiraho urubuga ngurukana bumenyi rwa API ruri mu rurimi rw’Icongereza, gushira ingingo ngenderwako zizokworohereza abanyamitahe kuzana imitahe yabo mu Burundi ari benshi, hamwe no gushiraho uburyo bwa none buzofasha abashaka kuriha amafaranga y’ivyo bakeneye.

Tubibutse ko Leonard Sentore asubiriye Didace NGENDAKUMANA yari amaze amezi 22 arongoye ikigo API, ubu akaba yagenwe kuba umuyozi nshingwantwaro ajejwe ivy’ubutunzi mu kigo ARFIC gikurikirana ivy’ikawa mu Burundi.

JPEG - 138.5 ko
Didace NGENDAKUMANA yagenwe kuba umuyozi nshingwantwaro ajejwe ivy’ubutunzi mu kigo ARFIC gikurikirana ivy’ikawa mu Burundi.

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha