Umuyobozi nshingwabikorwa wa Ligue ITEKA yitavye Imana

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Munyonyo 2017 saa 10:59
Yasomwe : 25335
0 0

Jean Baptiste NSABIMANA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe Ligue ITEKA yitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka ryabereye mu gisagara ca Kampala, mu gihugu ca Uganda. Muri iryo sanganya, hari n’abandi barundi babiri bitavye Imana, bakaba bari kumwe nawe mu muduga.

Umushingwamanza Jean Baptiste Nsabimana yari mu muduga wari umukuye ku kibuga c’indege ca Entebbe mu gatondo ka kare kuri uwu wa mbere, akaba yari avuye mu nama yari yabereye mu gisagara ca Banjul, mu gihugu ca Gambie. Iyo modoka yagize isanganya igeze mu gisagara ca Kampala.

Umupfasoni wa Jean Baptiste Nsabimana nawe yari muri iyo modoka yarakomeretse, hamwe n’uwariko arabunguruza. Abo babiri baciye bajanwa kwa muganga.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Ligue ITEKA yari mu buhungiro mu gihugu ca Uganda kuva mu 2015 hatanguye intureka za poritike mu Burundi.

JPEG - 22.3 ko
Jean Baptiste NSABIMANA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe Ligue ITEKA

Kumenyekanisha

1
pros mizos 6-11-2017 à 18:03

UMUNTU YISE UMWANA WIWE NTIRUHUNGWA NTIYIBESHE!!!!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha