IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwe mu bagize umurwi CVR yagirizwa ubushurashuzi ku mwana w’imyaka (...)

Umwe mu bagize umurwi CVR yagirizwa ubushurashuzi ku mwana w’imyaka 16

mardi 22 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umwana w’umwigeme w’imyaka 16 yafatiwe mu nzu y’uburaro iri mu Kajaga kuri uwu wa gatandatu, abavyeyi b’uwo mwana bakavuga ko yashurashujwe n’umushingamateka Didace KIGANAHE yigeze kuba icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, aba umushikiranganji w’ubutungane, ubu akaba akora mu murwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi (CVR : Commission Vérité et Réconciliation. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yagirizwa ico caha ariko araronderwa.

Uwo muvyeyi, se w’uwo mukobwa w’imyaka 16 avuga ko uwo mwana yabwiye abavyeyi biwe ko yaronse akazi azohora ahembwa ibihumbi ijana na mirongo itanu mw’ihoteri izwi kw’izina rya NONALA BEACH iri kw’ibarabara rya Gatumba. [Amaze gutangura akazi], uwo mwana yamaze iminsi itatu adataha, ari navyo vyateye amakenga umuvyeyi wiwe aca aja kubaza kuri iyo Hoteri, uwujejwe ivy’abakozi amubwira ko batazi uwo mukobwa mu bakozi bo kuri iyo Hoteri.

Ukwezi kwose kwaraheze abavyeyi b’uwo mwana batazi iyo ari, baca batangiriza ku bantu benshi, bacungisha ku womubona, bongera babibwira n’amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu, harimwo n’urunani FENADEB ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira ineza y’abana.

Musaza w’uwo mukobwa niwe yahavuye amubona yinjiye mu nzu y’umushingamateka KIGANAHE Didace iri mu Kajaga, ari nakwo gutabaza igiporisi hamwe n’abajejwe agateka ka zina muntu. Igiporisi casanze uwo mwana ari mu cumba wenyene, bikavugwa ko KIGANAHE Didace yoba yaramenye ko baje kumufata, abona guhunga. Uwo mwana apfungiwe mu giporisi mu Gatumba. Igiporisi kirindiriye icegeranyo gitangwa n’ishirahamwe SERUKA risanzwe rikurikirana ikibazo c’abakenyezi n’abigeme bafatwa ku nguvu, iryo naryo rikaba ryamaramaze gutanguza amatohoza.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ko uwo mwana yafashwe ku nguvu, kandi ko yari amaze iminsi mw’ihoteri n’uwo yagirizwa ico caha. OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi akamenyesha ko uwo yagirizwa ico caha bariko baramurondera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.