IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwiherero wa EAC : Uburundi ntibwaganiriye ku masezerano y’ubudandaji (...)

Umwiherero wa EAC : Uburundi ntibwaganiriye ku masezerano y’ubudandaji n’ubumwe bwa Buraya

mardi 27 Ruhuhuma 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri uwo mwiherero wabereye i Kampala mu gihugu c’Ubuganda, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yari yaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Gaston SINDIMWO, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko muvyo bari bateguye kwigira hamwe, harimwo umugambi w’ukugira imigenderanire mu budandaji hagati y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko hamwe n’ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya, ariko akavuga ko Uburundi butemeye kwiga uwo mugambi.

"Kuri uwo mugambi twebwe mu Burundi aho duhagaze ni hamwe twahagarara mu nama yaheruka, aho Uburundi atana kimwe dushobora kuvugana n’ivyo bihugu vya Buraya cane cane mu vyerekeye urudandazwa turi mu bihano. Igihe rero bazobona ko bikenewe ko tuvugana, kuri ico kibazo bazobanza gukura ivyo bihano."

JPEG - 56.5 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko kutagiriranira imigenderanire y’ubudandaji n’ubumwe bwa Buraya ata ngaruka bifise ku Burundi.

"Sinzi ko agahombo ari ukudasinya ayo masezerano canke agahombo ari ukutubohera amaboko i mugongo. Ko badufatiye ibihano, mwumva twebwe twoja kugira imigenderanire y’urudandazwa gute kandi turi mu bihano? Nibareke nitwaheza kuva mu bihano tuzoca twumvikana ingene tugira iyo migenderanire. Mugabo tukiri mu bihano, nibagumane ibihano vyabo, natwe nta migambi dufise y’ukugira urudandazwa nabo."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.