Urugendo mu Burundi rw’umukuru w’igihugu wa Somaliya

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Ndamukiza 2018 saa 10:40
56655
0 0

Umukuru w’igihugu ca Somaliya aritezwe mu Burundi mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri azogira kuva kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 29 gushika ku munsi wa mbere igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.

Mw’ikete ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwandikiye ubushikiranganji bw’umutekano, busaba ko ingingo z’umutekano w’uwo mukuru w’igihugu zofatwa.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi bumenyesha ko umukuru w’igihugu Mohamed Abdullahi Mohamed azoba aje kurorera urukino rw’igice ca nyuma c’ihiganwa rya CECAFA rihuza imirwi nserukirabihugu y’abatarenza inyaka 17.

Urwo rukino ruzobera mu ntara ya Gitega ku kibuga citiriwe INGOMA (Stade INGOMA) ruzohuza imirwi ya Somaliya na Tanzaniya.

JPEG - 68.1 ko
Mohamed Abdullahi Mohamed umukuru w’igihugu ca Somaliya azoshika mu Burundi kuri uwu w’Imana mu rugendo rw’iminsi ibiri

Kumenyekanisha

1
Bukuru Jean Claude 29-04-2018 à 22:25

Natw Abarundi,turiteguye Kuzoj Kwemeza Cank Guhakana Iry Hinyanyurwa Ry’ibwirizw Shngro Arik,ikibazo Ni Kimw!
Noe Ko Harih Abarund Bamw Tutaramenyeshw Ivyahinyanyuw,tuzokwemez Cank Duhakane Ivyo Tutazi?!

2
Remegie 29-04-2018 à 16:20

Andika hano uyo munyacubahiro ndamukej cane murugendo rwe arakaze maze uburundi nigihugu camatek mesh abagomba kugita munyenga nibacire birarura

3
Source du Nil 29-04-2018 à 15:52

Faisons attention nous les DD,Ce president Somalien serait aussi l’espion du Rwanda.Rira bien qui rira le dernier.

4
Jojo 28-04-2018 à 23:02

Kaze iwacu i Burundi uburundi ni nyabagendwa nayo abavuga ayamuhe nibatahur ko ibintu vyahindutse

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha