IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNARED isaba Reta ya Tanzaniya umuco kw’ihagarikwa ry’indongozi z’umuhari (...)

CNARED isaba Reta ya Tanzaniya umuco kw’ihagarikwa ry’indongozi z’umuhari FPB

jeudi 2 novembre 2017

Mw’itangazo ry’urunani CNARED ryo kuwa mbere Munyonyo 2017, CNARED imenyesha ko kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017 abarongozi bane b’umuhari FPB bahagaritswe baca bajanwa mu kibanza n’ubu kitaramenyekana.

Muri iryo tangazo, urunani CNARED rusaba Reta ya Tanzaniya gutanga umuco, nimbi indongozi zine z’umuhari FPB zarinjijwe mu Burundi canke ko zikiri ku butaka bwa Tanzaniya, rukibutsa kandi ko icoba kuri abo bantu bane cobazwa igihugu ca Tanzaniya gisanzwe arico cakira ibiganiro bihuza abarundi.

Urunani CNARED rumenyesha ko ifatwa ry’abarongozi bane b’umuhari FPB ricapfuza ishusho y’igihugu ca Tanzaniya gisanzwe cakira impunzi ziva mu bihugu vy’akarere, kandi ko igihugu ca Tanzaniya gitakaza icizere, mu gihe gisanzwe arico kiberamwo ibiganiro.

General Major Jeremie NTIRANYIBAGIRA, Colonel Edouard NSHIMIRIMANA, Capitaine Libere NZEYIMANA n’umukenyezi Liberate NIJIMBERE bahagaritswe mu gihugu ca Tanzaniya, mu nyuma amakuru atandukanye yavuga ko boba bashikirijwe Reta y’Uburundi.

Haba ku ruhande rwa Reta y’Uburundi canke ku ruhande rwa Reta ya Tanzaniya bose ntibashimye kugira ico bashikirije kw’ihagarikwa rw’abo barongozi bane b’umuhari FPB, mu gihe mu muhari FPB ho bagumye bavuga ko ata nkuru n’imwe yabo bafise kuva bahagaritswe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.