Urunani UPO ruriyamiriza icegeranyo c’umurwi wa ONU wakoze amatohoza ku Burundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 mars 2018 saa 08:27
7920
0 0

Urunani rw’imigambwe itavugarumwe na Reta idafise intebe mu nama nshingamateka UPO, rumenyesha ko kuba umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu warerekanye aho uhagaze ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro, wahonyanze ingingo ya ONU ivuga ko abanyagihugu bafise ububasha bwo kwitunganiriza ivyabo.

Mw’itangazo urwo runani rwasohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 riterwako umukono na Jacques BIGIRIMANA arurongoye, rumenyesha ko basubiye gutanganzwa n’ivyashikirijwe n’umurwi wagize amatohoza ku Burundi, ku bijanye n’agateka ka zina muntu, kuko werekanye ko ufise aho uhengamiye.

Muri iryo tangazo, urwo runani rumenyesha ko icegeranyo cashikirijwe cihuse, rufatiye ku minsi yari iheze uwo murwi uhawe umuyobozi mushasha, kuko ata mwanya ukwiye waronse wo kugira amatohoza.

Urunani UPO rumenyesha ko mu cegeranyo cashikirijwe n’umurwi w’amatohoza harimwo insiguro nyinshi zidafashe, bafatiye k’ukungene ibintu vyifashe mu Burundi, kuko uwo murwi wavuze ko mu Burundi ata karusho kabaye mu bijanye n’imibano, poritike n’umutekano, kandi atariko biri.

Urunani UPO rumenyesha ko bisunze ivyashikirijwe n’uwo murwi wa ONU wakoze amatohoza, hari ukugerageza gushira igihugu c’Uburundi mu bihe nk’ivyo igihugu ca Libiya kirimwo.

Ico cegeranyo cashikirijwe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 18-03-2018 à 13:41

Urwo runani rw’imigambwe ngo ntiruvuga rumwe na Reta ? None ko umengo bashigikiye ivyo reta imaze imisi yiyamiriza wumva batavuga rumwe gute ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha