Incamake

ARCT yafashe ingingo yo kwugara imirongo ya BBC na radiyo Ijwi rya Amerika

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 mai 2018 saa 05:43
24420
0 0

Urwego rw’igihugu rugenzura ubuhinga bwo gutumatumanako ARCT bwandikiye umuyobozi wa Radiyo BBC igisata gikoresha ururimi rw’igifaransa hamwe n’umuyobozi wa Radiyo Ijwi rya Amerika, rubamenyesha ko imirongo bahora bacishako ibiganiro ku murongo wa FM ihagaritswe, mu kiringo c’amezi atandatu.

Nkuko biri muri ayo makete abiri yateweko umukono n’umuyobozi mukuru w’ikigo ARCT, ayo makete yandikiwe abayobozi ba BBC n’iradiyo Ijwi rya Amerika yanditswe hisunzwe ingingo y’urwego rucunga uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, ihagarika ayo maradiyo gukorera ku butaka bw’Uburundi, mu kiringo c’amezi atandatu.

Muri ayo makete yose atanga ubutumwa bumwe haba kuri BBC igisata gikoresha ururimi rw’igifaransa, canke iradiyo Ijwi rya Amerika, urwego ARCT rumenyesha ko umurongo ya 90,2 na 105.6 ya BBC n’imirongo ya 95,2 na 94,9 y’iradiyo ijwi rya Amerika, izoba yugawe kuva kuwa mbere igenekerezo rya 7 Rusama 2018.

Ibiri muri ayo makete, vyamenyeshejwe umuyobozi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vy’abanyagihugu, hamwe n’umukuru w’urwego CNC.

Ayo makete asohotse, inyuma y’amasaha make, urwego rw’igihugu rugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC, rusohoye itangazo aho rwamenyesha ko amaradiyo BBC na Radiyo ijwi rya Amerika, ahagaritswe kwumvikana ku butaka bw’Uburundi, mu kiringo c’amezi atandatu, kuva kw’igenekerezo rya 7 Rusama 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha