Ibinyamakuru bisabwa kwisunga amategeko mu gihe co kwiyamamariza ibwirizwa nshingiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 avril 2018 saa 03:07
5520
0 0

Inyuma y’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 23 Ndamukiza 2018, rihamagarira abarundi gutangura kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ikigo gikurikirana uko ibinyamakuru bikora CNC, kimenyesha ko amaradiyo canke ibinyamakuru bifise uburenganzira bwo guha ijambo abanyeporitike canke abari mu nani z’abigengahe mu gihe imyiyamamazo izoba yatanguye, ariko vyisunze ivyo bumvikanye ku myifato yobagenga mu gihe c’amatora.

Nkuko biri mw’itangazo ry’urwego CNC ryashizweko umukono n’umukuru warwo KARENGA Ramadhan kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018, urwo rwego rumenyesha ko imigambwe canke abigenga biyandikishije mu murwi CENI, aribo bashobora kwiyamamaza babicishije ku maradiyo no mu bimenyeshamakuru.

Urwego CNC rusaba abarongoye ibinyamakuru bose bazotanga ibibanza ku banyamigambwe n’abari mu nani, kwitunganya neze kuri ico gikorwa, bakubahiriza kandi urutonde rwo kwakira ababasavye ikibanza co kugira imyiyemamazo.

JPEG - 72.5 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC

Urwego CNC rusaba kandi abarongoye ibinyamakuru gutunganya neza umwanya mu biganiro, bagacisha mu binyamakuru barongoye amajambo adahungabanya umutekano w’igihugu, abamenyeshamakuru bakubahiriza amategeko abagenga mu mwuga, hamwe n’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru.

Ukwiyamamaza bizotangura kw’igenekerezo rya 1 Rusama, bihere kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018, nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha