Uwugiye kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi "FFB" yamenyekanye

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 8 Gitugutu 2017 saa 02:49
Yasomwe : 23778
0 0

Abarongozi bashasha b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB : Fédération du Football du Burundi) mu nzego zose z’iryo shirahamwe batowe kuri w’Imana igenekerezo rya 8 Gitugutu 2017. Kw’isonga hari umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO, yatowe mu kindi kiringo c’imyaka ine arongoye iryo shirahamwe.

Mu kibanza c’ukurongora iryo shirahamwe, umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO yahiganwa na OPC 1 Alexandre Muyenge batazira Manelex. OPC1 Alendre Muyenge niwe yari asanzwe arongoye umurwi wo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ujejwe ivy’umutekano, akaba akina mu murwi Haleluya FC w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Reveriyano NDIKURIYO yatowe ku majwi 48 ku bantu 50 bariko baratora. Babiri ntaco babivuzeko. Yatsinze ku bice 96 kw’ijana.

JPEG - 78.2 ko
Umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO, inyuma y’itorwa ryiwe mu burongozi bwa FFB

Abandi bamaze kumenyekana batsinze ni abarongoye imirwi itandukanye y’iryo shirahamwe. Abo nabo ni aba bakurikira :

Denis KARERA, arongoye umurwi ujejwe ivy’ubutunzi
Yussuf Mossi arongoye umurwi ujejwe ivy’amahiganwa
Umushingamateka Sylvestre NDAYIZEYE ajejwe ivy’inkino z’urwaruka
Kibuga Ramadhan Ajejwe ivy’imigenderanire
Kabura Eugenie ajejwe inkino z’umupira w’amaguru ku bigeme n’abagore.


Kumenyekanisha

1
NKURABANKA Didace 8-10-2017 à 15:50

TURABAKEJE NIMWIRAMBIRE GOSE. NDAKEJE VY’UMWIHARIKO HON. SYLVESTRE NDAYIZE N’ABO BOSE BIZEWE, NDETSE N’ABANDI BOSE BAJA KWAKIRANA IGISHIKA IYI NKURU. MUHEZAGIRWE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha