IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira Ubushinwa mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka

Uwuserukira Ubushinwa mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka

mardi 26 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bishikirizwa na Gabby BUGAGA ajejwe kumenyesha amakuru mu nama nkenguzamateka y’Uburundi, uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa Li Changlin yagendeye umukuru w’inama nkenguzamateka kugira amenye neza ibisata abagwizatunga bo mu gihugu c’Ubushinwa boshobora kuza gukoreramwo mu Burundi.

Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Li Changlin yavuze ko yaganiriye n’umukuru w’inama nkenguzamateka ibijanye n’uko bonagura imigenderanire, kugira bakorere hamwe mu bisata bijanye no gushinga imitahe, ivy’amagara y’abantu hamwe n’ibijanye n’indero.

Tubibutse ko uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi yagendeye inama nkenguzamateka inyuma y’imisi mike umukuru w’inama nkenguzamateka nawe avuye mu rugendo mu gihugu c’Ubushinwa.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.