Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira Ubushinwa mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka
Uwuserukira Ubushinwa mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka
mardi 26 Nyakanga 2017, par
Nk’uko bishikirizwa na Gabby BUGAGA ajejwe kumenyesha amakuru mu nama nkenguzamateka y’Uburundi, uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa Li Changlin yagendeye umukuru w’inama nkenguzamateka kugira amenye neza ibisata abagwizatunga bo mu gihugu c’Ubushinwa boshobora kuza gukoreramwo mu Burundi.

Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Li Changlin yavuze ko yaganiriye n’umukuru w’inama nkenguzamateka ibijanye n’uko bonagura imigenderanire, kugira bakorere hamwe mu bisata bijanye no gushinga imitahe, ivy’amagara y’abantu hamwe n’ibijanye n’indero.

Tubibutse ko uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi yagendeye inama nkenguzamateka inyuma y’imisi mike umukuru w’inama nkenguzamateka nawe avuye mu rugendo mu gihugu c’Ubushinwa.
Vianney BIKORIMANA