"Zebiya siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde"

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 Ndamukiza 2018 saa 10:58
69405
0 0

Bamwe mu bayoboke ba Zebiya NGENDAKUMANA bemeza ko mu buhungiro bahoramwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe no mu Rwanda batigeze babona uwo mwigeme bayoboka. Bamenyesha ariko ko atariwe bari bakurikiye, bagashikiriza kandi ko ukwemera kwabo bagiye kukubandanya mu Burundi.

Chantal ni umwe mu bayoboke ba Zebiya, akaba yaje aja mw’ikambi y’impunzi y’i Nyanza mu gihugu c’Urwanda. Uwo mupfasoni avuka i Bubanza avuga ko ataco vyomumarira ataye ukwemera afise. "None dutaye ukwemera vyotumarira iki?"

Bimwe muvyo batemera, ni nk’incanco zihabwa abana bari munsi y’imyaka itanu, bakaba kandi batemera kuvurwa n’imiti iyariyo yose.

"Igihe twari tumaze tudacancwe nta ngwara z’ubumuga canke z’icaduka ziri muri twebwe boba baradusanganye? "Twebwe abanya Businde tumeze nk’imodoka. Imodoka irafise umushoferi, umushoferi rero ayitwara iyo ashatse. Twebwe natwe umushoferi wacu Bikira Mariya adutwara iyo ashatse. Iyo avuze ati kora iki, ukora ico nyene ntuhindura."

Abo bayoboke ba Zebiya baravuga bimwe muvyari vyatumye bahunga Uburundi. Eliya NTUNZWENIMANA wo muri komine Marangara, intara ya Ngozi : "Icatumye mpunga nabona bitoroshe mu kwemera kwanje. Harabaye ukutumvikana hagati ya Reta natwe, ku kibanza ceranda ca Businde."

N’aho habaye ukwo kutumvikana kwatumye ahunga Uburundi, yemeza ko muriwe azi neza ko ikibanza c’i Businde mu Kayanza ari ikibanza ceranda, aho Bikira Mariya abonekera abo bayoboke ba Zebiya, iminsi yose kw’igenekerezo rya 12 z’ukwezi. Avuga ko nka hamwe Reta yobemerera, ko bipfuza gusubira gusengerayo.

"I Businde turacahafata nk’ikibanza ceranda. None nticahezagiwe izuba ryaka? Batwemereye twosubirayo gusengerayo nyene. None ugira uwa 12 twarawibagiye? N’ubundi twawubandanya."

Mu minsi yose abo bayoboke bamaze mu buhungiro, bemeza ko batigeze babona umwigeme Zebiya bivugwa mbere ko yoba yaribarutse umwana w’umwigeme. Abo bayoboke bavuga ko ivyo bitabaciye intege, kuko ku bwabo, atariwe bari bakurikiye.

"Zebiya ntawe twabonye kandi siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde. Ariko yaradufashije mu gihugu c’Uburundi mu kubandanya gusenga kwacu. Nivyo vyadufashije n’ubu kuba tugihagaze mu kwemera."

Buramatari w’intara ya Kayanza, Anicet NDAYIZEYE aragabisha abayoboke ba Zebiya bosubira gusengera mu kibanza c’i Businde muri iyo ntara ya Kayanza.

Mw’ijambo yashikirije ry’ukwakira abo barundi bahungutse, Buramatari w’intara ya Kayanza yashikirije ko uwohirahira akegera ikibanza c’i Businde, ingaruka z’ibizokurikira ariwe azozibazwa. Anicet NDAYIZEYE yasavye abo bayoboke ba Zebiya ko bokwubahiriza amategeko ya Ekereziya Gaturika, kuko basanzwe bemera ko ari abakatorika.

Kuva mu mwaka w’2014, inyuma y’imishamirano hagati y’abaporisi n’abayoboke ba Zebiya yahitanye ubuzima bwa bamwe muribo, Reta y’Uburundi yafashe ingingo ko ikibanza c’i Businde gihinduka ikibanza c’imyimenyerezo ya gisirikare, kandi ko ata munyagihugu n’umwe arekuriwe kuhegera.


Kumenyekanisha

1
DESIRE GASONGO 14-10-2018 à 15:57

Nn Ikibnz Ci Businde Cank Abahemer Haric Bob Baracumuye? Cnk Mumasengesh Yabo Boba Bahungabany Umutekan? Nn K Twes Duseng Imana Imw Ntibobarekera Ukwemer Kwabo?

2
Namahoro 18-04-2018 à 07:48

Murakoze kuba mubonye ko zebiya atariwe azobashikana mubwami bwijuru,nimusenge Imana niyo izobashikanayo

3
ndikumana samuel 14-04-2018 à 16:12

nukuri nihatari

4
Aferky 11-04-2018 à 11:13

None uwo mwigeme yoba aherereye hehe. Aho ntiwosanga baramugandaguriye ibusinde abayoboke biwe ntibabimenye. Canke yagiye mwijuru adapfuye ntanuwo asezeye. Leta ikore amagenzura kuko numunyagihugu yabuze

5
eric 5-04-2018 à 23:43

barazimiye nibakire yesu nkumwami numukiza ntagakiza kaca businde

6
lg 5-04-2018 à 16:15

MWAVUZE KO URWANDA RWABIRUKANIYE KUKO BANZE KO BABASHYIRA MUBARWANYA U BURUNDI REKA MUHANGANE, NABO EJO UZUMVA MWONGEYE KUBARASA NABWO MUZAVUGE KO ALI U RWANDA! !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha