Zimbabwe : Umutambukanyi wa Robert MUGABE yahunze

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 Munyonyo 2017 saa 02:42
51375
0 0

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Grace MUGABE abarizwa mu gihugu ca Namibie kuva kuri uwu wa gatatu, aho akaba ari mu gihe umugabo wiwe ari mu minwe y’igisirikare c’ico gihugu.

Grace Mugabe yahunze igihugu niwe yanuganurwa ko ashobora kuzosubirira umugabo wiwe, umukuru w’igihugu Mugabe, mu burongozi bw’ico gihugu.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, avugana kuri uwu wa gatatu kuri Terefone ngendanwa na mugenzi Jacob Zuma wa Afrika y’epfo, Robert Mugabe yemeye ko yafashwe n’igisirikare ca Zimbabwe, n’insamirizi hamwe n’imboneshakure vy’igihugu bikaba biri mu minwe y’abasirikare kuva kuri uwu wa kabiri.

JPEG - 52.1 ko
Grace MUGABE, umupfasoni wa Robert MUGABE

N’abandi bategetsi bakomeye b’ico gihugu bafashwe n’igisirikare, aho tukababwira nk’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Ignatius Chombo, hamwe na Kudzai Chipanga umuvugizi w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, ZANU PF wa Robert Mugabe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha