IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ababirigi bari mu Burundi basabwe kuhava bigikunda

Ababirigi bari mu Burundi basabwe kuhava bigikunda

vendredi 13 Munyonyo 2015, par egide

Ubushikiranganji bw’Ububirigi n’ayandi makungu bwasavye Ababirigi bari mu Burundi kuhava bigishoboka, abashaka kuja mu Burundi nabo bahanurwa kubireka.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu amenyesha ko Ababirigi basabwe kuva mu Burundi bigishoboka, abashaka kuza nabo babe barabireka. Uwo mushikiranganji yasiguye ko kuva mu kwezi kwa Ntwarante 2015 hibonekeza umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati, ivyo navyo bikunyurwa n’amajambo y’inzego z’Uburundi ashikirizwa ku Bubirigi, ayo nayo akaba adahumuriza.

Didier Reynders, umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu yasavye ko Ababirigi bosigara mu Burundi boguma bahanahana amakuru n’Ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi.

JPEG - 26.3 ko
Didier Reynders, umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu

N’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryafashe ingingo y’ugukura mu Burundi imiryango y’abakozi baryo hamwe n’abakozi bakora imirimo ibayabaye (Personnels non essentiels) mu buserukizi bw’ubumwe bwa buraya mu Burundi. Ubumwe bwa buraya mu Burundi bumenyesha ariko ko ubuserukizi bwabwo mu Burundi buzoguma bukora ukuri kwamye.

Amatangazo amaze iminsi asohorwa n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi yagiriza Ububirigi ko bushaka gusubiza Uburundi mu buja, hamwe n’ugucanishamwo amako. Igihugu c’Ububirigi hamwe n’ibihugu vya buraya bikaba vyagirijwe ko bishigikiye abahungabanya umutekano w’Uburundi, abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abashatse guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Mw’itangazo riheruka gusohorwa na CNDD FDD, uwo mugambwe wamenyesheje ko ibishikirizwa ko mu Burundi hariko hategurwa ihonyabwoko ari ibinyoma vyateguriwe mu gihugu c’Ububirigi kuva mu mwaka w’2010 kugira Ababirigi bashobore kwumvisha bitabagoye ibihugu vyo mu muryango wa Buraya, ibihugu vyo mu muryango wa Afrika hamwe no mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko bwofashwa mu mugambi w’Ababirigi w’ugucapfuza CNDD FDD.

Muri CNDD FDD bagiriza Ababirigi ko bashaka kunigira mu menshi ubutegetsi buherutse kwitorerwa n’abanyagihugu, mu kubaka umwidegemvyo wo kwitorera indongozi bashaka, hamwe n’inzego bipfuza. Muri CNDD FDD bati : Iyo ngendo nta kindi igamije atari ugusubiza Igihugu c’Uburundi mu bukoroni hamwe n’ugushaka kugira abenegihugu abaja b’Ababirigi.


IGIHE

Messages

  • Abo babirigi nibiruke bagifise amaguru nahahandiho tuzobatekeza riva nimba arabarundi bazobivuge neza mbe baraboniki tutarabishuza rwagasore! Mbe ahobabukaranga ntitwari munsi yurujo, nibagende duce dupfa!

  • ababiligi nibagende ndetse abazungu bose kuko mu burundi ibintu ntibimeze neza abazunguye btanguye kwicwa uriya mudage we yarusimbutse niyo mpamvu yahise ata akomoka

  • ahubwo vyari kuba yviza na ambassade yabo bayugare bagende kuko namatongo namazu batunyaze jewe nditayari kubasubiza amafranga nongere ndabahe nindishi ya kababaro bantelephone for this number: 25779564289706 ntitubanse ariko ntituzobakumbura nukuri kwiyomwijuru.

  • Iyaba ikigihugu cu Bubiligi kirimuri Africa bamwe mubakirongoye baba barafatiwe ibihano ruhasha , aharero babonye bamwe muba Biligi babangaha Burundi batanguye kuvugako ivyigihugu cabo kivuga ku Burundi atarivyo giciyekimaramara kibaterubwoba ngonibaveyo ! Buryarero leta mbiligi yamaze nogutegura amahera yokuzokwicisha ababilirigi batazobabitavye akamo ningoga batewe mazebucebuvuga ngotwaraabwiye ko leta yuburundi ibageramiye, arikondazibacabitaba akakamo kugira leta yabo mbi ariyo mbiligi .

  • Nibagende ntacobaribatumariye, uretse kobaribaje gutanga akazi mubatutsi. raba ambassade yabo yakoramwabatutsi nabatutsikazi gusa. kandi nibo bashira inkoho abobihevyi bo muma karitiye ya Musaga, Nyakabiga, Jabe, na Cibitoke kandi zagenda mumadodoka y’imparati za (CD) corp diplomatique. kandi ivyo bihemu vyo muri CENARED nivyo biriko bibe ibihugu vyubumwe bwaburayi koharihonyabwoko ririko ritegurwa mu BURUNDI kandi atarivyo. bacumugani mukirundi ngo "uheza guhemuka ibigori bikera". Nyangoma, Pancrace,Pacifique, nabandi rabe mwikebuke mugaruke muruhongore. ahandi ho muzicuza bitagikunda. akataretse kaba gasema.

  • Tangira tangira ntibatuvaneho tubagir imbohe nihobokwishur ivyobakoze mugihugu cacu

  • Ohoo!!!!! Karabaye Tugiratwirukane Abatumye Tugera Aho Tugez Unomus?Abarundi Turibijuju Pe. Nzobambona

  • Ohoo!!!!! Karabaye Tugiratwirukane Abatumye Tugera Aho Tugez Unomus?Abarundi Turibijuju Pe. Nzobambona

  • Ni Danger Ni Bigendere Amahoro Burya Biragoye Kandi Birababaje.

  • Haaaaaaa havurwa vyinshi rero hasigay ahimana

  • Haaaaaaa havurwa vyinshi rero hasigay ahimana

  • Abo ba DD, bagomba bakore génocide ata ababona, ariko bamenye ko amaraso ya bene bu Burundi azobahumira. Nayo ibindi vyose ni ivyotwazo. iyo ataba abo bazungu baba barashitse ku butegetsi. baraciye umugani mu kirundi ngo: «umutwa umuvura amaso bugaca akayagukanurira». Niyo manyama, mais bamenye ko amanyama arasara ntasabwa. Kurya bahaze amahera bivye igihugu, bibatera kutiyumvira, bakabona ko bari hejuru y’abandi. Bakongera bagakoresha za corruption mukwica no mukwicisha, bagaha amahera Interahamwe, aba FDRL, akagwi ka aba EX-dd-ffdd, n’imbonerahafi. bakaba bamaze kwica aba jeunes benshi Tutsi et Hutu, abana, inzoya, abagore .... Bakaba babona ko n’ubu atakiriko kibatera ubwoba, kumpamvu y’uburyo bafise bw’igihugu bigaruriye. Ariko bamenye ko na Kaddafi, Mobutu, n’abandi batinze bakagenda.

  • ni hatari burya imana izokora ivyayo

  • EGOME BAVYE MWADUHAYE INDERO YO KWIZIKO MUKATWIGISHA GUSOMA NUKWANDIKA NUGUHARURA MUKATUZANIRA ITERAMBERE TUGASHIKA IYO DUSHITSE MUBUHINGA NUBUMENYI NUKUBERA URUKUNDO RWANYU BAVYEYI BABIRIGI! MUGA BIVANYE NAMAJAMBO MABI AHAYE AKWIRAGIZA NIYI LETA ITANEMEWE NAMAKUNGU YINKORABARA ZABA CNDD-FDD NIVYIZA YUKO MWOKWIGIRA IZOMBWA ZIMBONERAKURE NINTERAHAMWE BATARABAGANDAGURA NKUKO IZO NTERAHAMWE ZABAGANDAGUYE MU RWANDA MURI 1994 AHO MWARIKO MUGERAGEZA KUROKORA UBUZIMA BWINZIRAKARENGANE ZARIKO ZIGANDAGURWA NIVYO BIMWENYI VYINTERAHAMWE NIYO CNARED YAMARA GUFATA UBURUNDI BAVYEYI DUKUNDA MWATUREZE NYANGOMA NA PACIFIQUE NININAHAZWE BAZOHEZA BABAKURE MUGARUKE KUBANDANYA MUDUHA UBUHINGA NINDERO IRASHE NKUKO MWAMYE MUBIKORA TURABAKUNDA ABABIRIGI MWESE.

  • ABABIRIGI?NIBANYARUTS BATUVIREHO,TURABEKO AGAHENGWE,KOSUBIRA,KUGARUKA KOMWARI,MWARATEVY? IMBOGA MBI,NTIZIVAKWISAHANI!?AHORRO NGONIRYARI?DUTANGIRE KWIRUHUTSA?MUBURUNDI AMAHORO,YOBA,AGIRAGARUKE!!!!

  • nibagende ahubwo batevye kuko nibo bakokeza ingwano,wenda nibagenda amahoro azogaruka. nibareke beneburundi bironderere inyishu yibibazo vyabo. sinka cera vyose vyavaga mububurigi,ubu bisigaye biva ibujunbura bija beligique, uburundi bwarikukiye. no muRwanda mwaragiye mujana n’imbwa zanyu,musiga muturiye igihugu abantu bapfa,none bamaze kuronka inyishu yibibazo vyabo musigaye ariho mwaka indaro. vive le burundi vuve les burundais.

  • nibagende ahubwo batevye kuko nibo bakokeza ingwano,wenda nibagenda amahoro azogaruka. nibareke beneburundi bironderere inyishu yibibazo vyabo. sinka cera vyose vyavaga mububurigi,ubu bisigaye biva ibujunbura bija beligique, uburundi bwarikukiye. no muRwanda mwaragiye mujana n’imbwa zanyu,musiga muturiye igihugu abantu bapfa,none bamaze kuronka inyishu yibibazo vyabo musigaye ariho mwaka indaro. vive le burundi vuve les burundais.

  • NIBAZAKO ARAKARENGANYO UMUNTU UBURENGANZI BWOKUBA MUGIHUGU YIFUZA MANA GARUKIRA UBURUNDI

  • Ababirigi nibagende nibagende batugiriye nabi kuvakera imana izobahana pee

  • Nibagende Nayo Ubundiho Harabababirako!

  • Hari abariko baratamba ngo ababiligi ni batuvireho. Ariko burya ubonye abazungu batekera bakagenda burya baba babonye ikintu. Ubutumwa babutanze abafise ubwenge ni batahure ! Jewe numva biteye ubwoba !

  • tembatembatembatemba temba temba harageze ababirigi turabikuyeko kandi muzoshira nkifu yimijira

  • tembatembatembatemba temba temba harageze ababirigi turabikuyeko kandi muzoshira nkifu yimijira

  • ayee iy mihimbir nigende%

  • Kera baturira amagi namata ubunaho bagomba kugaruka basubire ivyakera barabonyeko iburundi rwitaha nibomoke bagomba kudusubiza inyuma barakicwa nuburoro iwacu ntacobakidufasha abadufasha turabazi

  • Mureke abo biraba babikurikirane naho twebwe batoya tumeze nkabamobwa kandi n,imvugo zacu ni nko gusurira mu muyaga.

  • Burya Bari kugenda Bose .Abobo avuga bazosigara kubera iki kandi tutabakeneye. Genda twuruhutse.Ashiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii.

  • none abo babiligi barajahe ko numva iwabo vyakomeye, harigupfa 140 par jour. isi yose ntamahoro ifite, mushatse mugume hano.

  • Nibigire bave mwuyu mugono wa Bujumbura wuzuyemwo ubwicanyi. harya urugo iyorufise serugo mubi,nabarugendera bararuhunga. kera uburundi bwari bwamata nubuki none busigaye burarwa mwamaraso gusa! na yabavuga ngo nibavireho harimwo, abazorwara ruswi bari batuzwe nivyo bihugu vya burayi, kuko ndazi yuko kwataburundi bwoshobora kuronka amahera bwohemba aba porisi nigisirikare nahandi ntiriwe ndadondora, ahubwo abobategetsi bakabona abanyamanga bitekereye bigiriye kazoba kabanye,

  • Ahubwo baribaratevye kwomoka.Nibagende kuko ivyobakora twaritumaze kubibona.Ntaneza batwipfuriza,vyobabera vyiza na ambasade yabo yugawe,kuko niyobateguriramwo ingene boducanishamwo.

  • Belgique yabonye ko bubize hinge itore umucumbisho.aho baducanishijemwo nikera nibagende twibanire neza n’abandi bene wacu.

  • Ingorane irimuburundi ntiyananiye umukuru wigihugu kuyimara gusa abobabirigi nibakinjure twamye nantaryo twikemurira ibibazo mukujinama ningingo kubwivyo babonako tugiye kwumvikana nonoho bagire baduhungabanye kubwinyungu zabo mubime amatwi tubomore nkuko basokuru babomoye erega ingeso irara ntihwera.

  • Twebwe inshuti ziteranya abavukana twozisabira ku Mana kumwe dusabira abantu batanka Imana kandi ntibayikunde kandi na ya Latte bazogende bayitwaye.

  • Twebwe inshuti ziteranya abavukana twozisabira ku Mana kumwe dusabira abantu batanka Imana kandi ntibayikunde kandi na ya Latte bazogende bayitwaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.