IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ababuranira Petero NKURUNZIZA bitwaye muri sentare i Paris

Ababuranira Petero NKURUNZIZA bitwaye muri sentare i Paris

mercredi 16 Ntwarante 2016, par egide

Abashingwamanza b’umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA baritwaye muri sentare nkuru y’i Paris, bakaba basavye ko hokurikiranwa mu butungane uwo bitwariye batazi, ariko bagiriza ko yatukanye ku mugaragaro (Plainte contre X pour diffamation publique).

Ukwo kwitura ubutungane kwatewe n’amasanamu (vidéos) yerekanwe mu makuru y’imboneshakure France 3 kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2016 , akaba yerekana abantu bariko baricwa bacumitwa imbugita, bongera bacagagurwa ibice bimwe bimwe vy’umubiri harimwo n’ibihimba vy’irondoka.

Muri ayo masanamu, bavuga ko ari ubwicanyi bwakorewe abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi, mu ntara ya Karusi, bicirwa mu kibanza cegukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, usanzwe ariwo ukomokamwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Inyuma y’iminsi ibiri gusa ayo masanamu yerekanwe, iyo mboneshakure France 3 yasanze ayo masanamu ari aya kera, kandi akaba atari ayo mu Burundi. Abarongoye iyo mboneshakure baciye basaba imbabazi, bamenyesha ko batawe mu mutego. Ivyigaragaje akaba ari uko ayo masanamu yari amaze kwerekanwa, mbere n’ururimi abariko bica abantu bavuga rukaba rutari ikirundi.
Francis Letellier wo ku Mboneshakure France 3 yavuze ko biboneka ko ayo mashusho ari aya kera, kandi ko yoba yafatiwe mu gice c’umugabane wa Afrika y’uburengero. Yasavye abakurikirana iyo Mboneshakure kubagirira imbabazi.

Abashingwamanza b’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bakaba bashimye kwitura ubutungane.

Umushingwamanza Arthur Vercken, umwe mu baburanira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko uwobibazwa ubwa mbere ari umushingwamanza w’Umubirigi Bernard Maingain, kuko ariwe Arthur Vercken yagiriza ko yatanze ayo masanamu ku mboneshakure France 3.

Tubibutse ko inyuma y’iyerekanwa ry’ayo masanamu, abanyagihugu bo mu ntara ya Karusi baciye bategura imyiyerekano bari kumwe n’indongozi mu ntwaro, biyamiriza ayo masanamu bavuga ko yacapfuje intara yabo.


IGIHE

Messages

  • Ni bawote abo bahumbyi ngo ni mengain uwo numumenja akwiy guhanwa byakarorero ikindi nuko bobanza kuba barahagarika iyo television habanze hakogwe amatohoza.murakoze kwitwarira abo bansi bigihugu

  • Mbega wewe wita karorero bamba wibajije kwari yamaradiyo mwaturiye izuba riva ahubwo mubwire azorungike zanterahamwe ziwe zije kuyiturira vyababuriye pe

  • Yemwe musigeho guhenda abasomyi, ni uko batanze amashusho atariyo ariko bene ubu bwicanyi bwarakozwe, imifuka yarimwo ibice bya muntu byororoka yaragaragaye. TUERIE SYSTEMATIQUE, murikwegera cg murakwegera Nkurunziza

  • Imbere Yuko mwitanganiza mwitwara nihabanze harungikwe wamurwi wigenga uzegukora amatohoza nibasanga atabo mwirirwa muragandagura kandi bamwe mubo mugandagura mutabangandagura murubwo buryo nyene irworubanza washaka muzoce murutsinda mutaburanye mbere nindishi zakababaro bazoce babaha aho bazoba babesheye ikizwi ntibikiri agaseseshwa rumuri murica bunyamaswa kandi mudatoranije mbe uko nugushaka guhuma amaso amakungu nabo mwahekuye murahumba

  • Ahubwo Yari Yaratevye Kubitwarira.Abo Bamenja Baducafuriza Igihugu.Bazoduhe Icegeranyo Curubanza Baciriwe.Peter,komera Turagushigikiye!

  • Ahubwo Yari Yaratevye Kubitwarira.Abo Bamenja Baducafuriza Igihugu.Bazoduhe Icegeranyo Curubanza Baciriwe.Peter,komera Turagushigikiye!

  • Abavuga ko ubwicanyi nkubwo bwabaye mu Burundi ntibabesha: hari abaciye imitwe batowe ku Mutakura, hamwe na fosses communes ku Mutakura.

  • None lo bariko baritwara, ha bomba kuvugana ayomabi batirirwa bayakora izuba ryaka? Noneho ntibazi nuevo bitwarira, kuko nuwo munguin avurwa ntakorera france3, Kandi ni umubiligi.

  • ABANTU BISHWE MU MWAKA W’1972-1972 BANGANA IMILIONI3,ARIKO NUBU NTAMATOHOZA!GWAGASORE,NDADAYE BISHWE NKA GAHENE ARABA PRESIDENT,NON NUBU NGO AMAKUDETA ABARUNDI TURAKWIYE KUMENYERA GUKUND IGIHUGU CACU!

  • nabe arasesagura amahera yigihugu yabuze iyo ashira.

  • NTA HONYABWOKO RYABEREYE MU BURUNDI.DUTANDUKANYE UBURUNDI N’URWANDA.

  • Ariko mukunda kuba abere, Tuvuge ko ibyo berekanye ataribyo wakoze , ariko se niba warakoze ibisa nabyo ubwo butungane ntibuzahava bugutunganya noneho. Njye ndi umujyanama wawe nakubwira ngo bireke, kuko ubu igikenewe si icyo Kwera ahubwo ni ugukora neza kugirango abidakeye bijye kumurongo muzima. Naho ubundi niwiterereza ubutabera bwa biriya bihugu birashobora kukumesa ugacyada da! Nzaba ndareba numwana w’umunyarwanda wo mumajaruguru.

  • Bagize Neza Kwitwara Nibagende Babereke Amasanamu Yukuri Kuko Arahari Bazobereka IKURAKURE Darius Ariko Arakerera Umuntu Nkimpene!!! Emwe Amenyo Aragutwenga Arayawe Nukuri Kw’IMANA!!!!

  • Bagize Neza Kwitwara Nibagende Babereke Amasanamu Yukuri Kuko Arahari Bazobereka IKURAKURE Darius Ariko Arakerera Umuntu Nkimpene!!! Emwe Amenyo Aragutwenga Arayawe Nukuri Kw’IMANA!!!!

  • Ukuri guca muziko ntigusha imisi yu musuma iraharuwe! nta nisoni zoguharira mugira aho murazi Ibibondo na Bavyeyi mwishe ugwo rupfu rutagira izina gwa gashinyaguro! Erega hariho nibiteye isoni batavuze mugirira Abantu. Nimureke guhuma amaso abantu ivyanyu birazwi iyo muva murubahuka gusa!! mugabo mumenye ko Imana atanakimwe itabona Imana ihora ihoze!!

  • Jewe nkunze iyo diplomate ibikwamo ama documents ya son EXCELLENCE. lol

  • Ariko abarundi nta mutima bagira, nta nisoni yo kuvuga ngo ntibishe? ahubwo nibakomeza na Peter arafatwa ajye imbere y’urukiko kuko nawe numwicanyi kandi si ubwambere akatirwa urwo gupfa.

  • Ibirego nkivyo bihabwa agaciro iyo vyatanzwe na reta yemewe namategeko,canke umusi umucamanza yahamagaje Nkurunziza i Paris kuburana azitaba??!!! Umwicanyi naho yokwitwara ntashobora kwitaba ubutungane.umuntu atacitabira inama nimwe ibereye mu karere arimwo ngo agiye kwitwara i Paris !!!

  • Abobobo Bararengukishijwe Sivyo Abahonyanze Amasezerano Ya Arusha Batarengukishijwe

  • bivuye kubanyarwanda bigiye kumadini hanyuma East Africa community na nations unies na amerika none bigeze mubufaransa finalement ibibazo byurundi bituruka hensi hasigaye Mkapa ariko nawe azabimenya tu!

  • bari baratevye nimudutohoreze ibintu vyose amakungu yagiye atwagiriza atarivyo mpaka ababigiramwo uruhara mukutwambika iceyi bahanwe

  • Mbebasha kobitimbere cane? niko ni mba vyaravuzwe kwaribo babishe ataribo none unomusi ntabantu bariko baragandagurwa bunyamaswa bahorwa aho baturuka ? ni barindire igihe kizoshika.

  • NUBWENGE BUKE BWABARONDERA GUTEMBAGAZA LETA BAHAYE AMAHERA ABAKWIRIKILA ICO CUMA GIFOTORA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.