IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bahinduye abahora (...)

Ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bahinduye abahora babaserukira

lundi 30 Ruheshi 2014

Mu nama ya bose idasanzwe y’abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura, bafashe ingingo yo guhindura bane kuri batanu bahora baserukira abo badandaza. Muri iyo nama, basavye abo badandaza bahagaritswe kudasubira kuvugira canke guserukira abadandaza babuze ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuko babahemukiye.

Inama nkuru idasanzwe y’abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura yarakoranye kuri uno wa gatanu. Muri iyo nama bakaba bafashe ingingo yo guhindura bane mu bahora baserukira abo badandaza, abo nabo ni Kabura Gabriel, Mbonankira Yozefu, Ruzuba Sylvestre, Karerwa Georges, hamwe na Mikerego Michel. Icatumye babasubiriza, nk’uko vyashikirijwe na Petero Karaveri Niyonzima, umuvugizi w’uwo murwi, n’uko binamuye bandikira ikete icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu baricishije kw’ishirahamwe rindi atari SYGECO, bamusaba ikigongwe ko batanze imihoho kandi bamusaba ko yobasubiza muri wa murwi wo gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU.

JPEG - 1.1 Mo
Petero Karaveri Niyonzima, umuvugizi w’umurwi userukira abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura

Abari muri iyo nama bose baribajije icatumye bahemukira abadandaza kandi inama ya bose yari yabizigiye mu kubashinga amabanga yo kubaserukira, n’icatumye umwe mu barongoye ikaritiye ya mbere atavyemera ngo asinye kuri iryo kete, n’icatumye kandi batamenyesha umurwi ugizwe n’abantu cumi na batanu watowe n’inama ya bose ku kibuga Tempete. Inyuma yaho, inama idasanzwe yahisemwo kubasubiriza.
Iyo nama idasanzwe isaba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akongera akaba n’umukuru wa "cellule de crise", umurwi wiga ibibazo vy’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye, ko atosubira kwakira no kugena mu mabanga Kabura Gabriel, Ruzuba Sylvestre, Karerwa Gearges na Mikerego Michel kuko batagiserukira abadandaza babuze ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Iyo nama isaba kandi abo bantu bane kudasubira kuvugira canke guserukira abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Tubamenyeshe ko abo baraye basubirijwe bari batanze imihoho muri wa murwi urongowe n’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, bavuga ko hari harimwo inzitizi nyinshi zatuma abadandaza bose bahora mu kibanza bataronka ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, mu nyuma basubira kwandika urwandiko rwo gusaba ikigongwe batagishije inama abadandaza baserukira. Inama ya bose yahisemwo kubasubiriza na Mbonankira Yozefu, Ntahomvukiye Antoine, Sindayigaya Emile na Sindayihebura Elikana. Abo babasubiririye bakaba bujuje umurwi w’abadandaza 15 bose hamwe baserukira abandi badandaza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.