Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura babandanya (...)
Abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura babandanya kwiyongera
jeudi 24 Ndamukiza 2014
Ingingo zo kubuza abandandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura zarafashwe, n’aho ku kagoroba abo badandaza usanga buzuye amabarabara, bafise ibidandazwa bitandukanye.

Mu masaha yo ku mugoroba muri amwe mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, nk’ibarabara rica hagati y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura n’ahari inyubakwa nkuru ya posita, usanga abantu bariko baradandaza ukuri kwamye ibintu bitandukanye ari benshi, ndetse ukamenga ni udusoko two hagati mu gihugu, bita udusoko muyinga. Muri iryo barabara nyene, abo bandandaza bavuga ko batoroherezwa n’abajejwe umutekano, na bamwe ndetse usanga bihinduye impuzu. Bavuga ko ibintu vyabo bavyakwa, ibindi bigashwiragizwa.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ico bariko barakora ubu, ari ugushira mu ngiro ingingo zafashwe. Abafashwe muri abo badandariza mu mabarabara barapfungwa, bagatangishwa n’amahadabu nk’uko Hermenegilde Harimenshi avugira igiporisi c’Uburundi abimenyesha. Ariko rero naho biri uko, abahadandariza bo, umenga ntaco bibabarira, kuko n’uwuba yaraye afashwe, kitabuza ko asubira kuhagaruka bukeye. Bamwe bakavuga ko ico kibazo gisigaye muri Reta, ko ariyo ikwiye kuronderera abo banyagihugu ibibanza bajamwo, kugira igisagara gitunganywe neza, hanyuma abadandaza nabo, bareke kwama baseserwa ibintu.


Aristide Nizigire
Messages
24 Ndamukiza 2014, 19:33, par kigoyi
nonekwisokoyahiye.uwahoraabeshejweho.nuwomwuga.yocabahogute.murikiryahisagara.utwanatwiwe.yotugabuririki.abobaporisi.babaseserautudandazwatwabo.kobahembwa.iyobahebwe.bahorabafashabangahe.bishwenakigoyi.bamenyeko.abobarikobarasesera.utwotuntutwabo.nibamwebucabazabarirukango.prise.muzemudutore.uwomuntuyobatora.azobaarikijujungame