Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza badashaka kuriha ikori baragabishwa
Abadandaza badashaka kuriha ikori baragabishwa
mercredi 19 Ruheshi 2013
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri aragabisha umudandaza azofatwa ashaka gucisha ibidandazwa mu kinyegero, yanka kuriha ikori. Ivyo akaba yabivugiye hariya mu Kayogoro mu ntara ya Makamba mu nama yahuza abajejwe intwaro mu ntara zihana urubibe na Tanzaniya arizo Makamba, Ruyigi, Rutana, Bururi na Cankuzo bari kumwe n’abandandaza hamwe n’abakozi b’ikigo OBR ari nabo bari bayiteguye.
Mw’ijambo ry’iwe ryo kwakira abashitsi, buramatari w’intara ya Makamba Ir. Vincent Nibayubahwe akaba yamenyesheje ko kugeza muri kino gihe mu ntara arongoye hakiriho abenegihugu bataratahura akamaro ko gutanga amakori ku bidandazwa.
Domitien Ndihokubwayo, icegera c’uwurongoye ikigo OBR akaba nawe yamenyesheje ko iyo mu gihugu hakivugwa urudandazwa rwo mu kinyegero bica bituma n’ifaranga ry’uburundi rita agaciro, mbere n’abanyamahanga baca batinya kuzana imitahe yabo mu gihugu. Muri make, icegera c’umukuru wa OBR akavuga ko urundanzwa rwa magendo ruzingamika ubutunzi bw’igihugu.
Mw’ijambonya mukuru ryashikirijwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyikiri yaragabishije bikomeye uwo wese azofatwa ariko acisha ibidandazwa mu rufuri ko hambavu yo gutanga amakori yategerezwa gutanga azokwongerako amande y’ibice 200 kw’ijana.
Aha akaba yatanze akarorero k’ibidandazwa vyotanze ikori y’ibihumbi 100 y’amarundi ko bifashwe bizoca bitangishwa ibihumbi 300 vy’amafaranga y’amarundi. Yongeye amenyesha ko ayo makori aba yatojwe na OBR ariyo aheza agakora ibikorwa vy’iterambere. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyikiri akaba kandi yaribukije abakozi ba OBR ko bategerezwa kuba abambere mu kurwanya igiturire bisunze wa mugambi w’umukuru w’igihugu "Tolérance zéro" wo kutihanganira abarya igiturire, kuko naho ibiturire vyagabanutse kubera ibikorwa vy’ico kigo, impinga iracari ndende kugira igiturire gituzwe burundu.
Nayo mu bibazo n’amakenga vyashikirijwe n’abari bitavye iyo nama, twovugamwo nk’ivyashikirijwe na buramatari w’intara ya Rutana, Juvénal Ndayiragije yamenyesheje ko intara ya Rutana itagira ikigo ca OBR na kimwe abadandaza borihirako amakori, bakarinda kuja mu zindi ntara bihana imbibe. Mu ntara za Ruyigi na Makamba naho ibigo vya OBR bikaba biri kure y’imipaka, ivyo rero bigaca vyorohereza abashaka kugira urudandazwa rwo mu kinyegero.
Egide Nduwimana