IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaporisi banditse imiduga yitavye akamo k’ukwiyamiriza ikiringo ca (...)

Abaporisi banditse imiduga yitavye akamo k’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Akamo ko kuvuza amahoni kari katewe n’amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike bari muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu kitabwe muri rusangi.

Ayo mashirahamwe yari yateye ako kamo mu ntumbero yo kwiyamiriza ico kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, kakaba kitabwe mu gisagara ca Bujumbura, bigasigura ko bahaye ikarata itukura umukuru w’igihugu petero Nkurunziza, nk’uko bari babisabwe n’amashirahamwe yiyemeje kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Igihe c’isaha zitandatu zirenga iminota nka 15, abariposi bakaba bari bagavye, n’impapuro n’ikaramu hamwe navya vyuma vyo gufata amasanamu, kugira baze bararaba imiduga izoba iriko ivuza amahoni.

Igihe c’isaha zitandatu n’iminota 20 zigeze, amahoni yaciye atangura gusamirana, mbere bamwe biha akaruru, abandi bavuza amafirimbi n’ibindi vyose. Abo baporisi baciye batangura kwandika amaparati y’imodoka zose zarengana ziriko zivuza amahoni (Klaxon). Muri "Rond point" iri hafi y’ahakorera ishirahamwe "Leo", abanyagihugu bari ku nkengera y’ibarabara bakaba baguma baha akaruru abo baporisi, abo nabo akaba bari benshi no mu bindi bibanza bitari bike vyo mu gisagara ca Bujumbura, bandika abo bose baza kuravuza amahoni.

Kw’ibarabara rija kuri Cathedral Regina Mundi naho, imiduga ikaba yavugije amahoni nk’ikiringo c’iminota itanu, abantu nabo isinzi bari kuri iryo barabara baca bashira urushi ku munwa, mu gukoma akaruru, abandi bakaba bakoma amashi, bagaragaza ko biyamirije ico kiringo kigira gatatu ca Peterto Nkurunziza. Umuporisi umwe gusa niwe yariko yandika iyo miduga yavuza ayo mahoni, ariko nawe akaba yarengewe arateba arabiheba.


Floxella Karire

Messages

  • - umuyange ntucubaha umuyaga kandi twosaba Imanarugira vyose ko nkuru ibintu ariko arategura vyomuhitana imbere y,abandi bose hamwe n,abariko barafaSHANYA GUTEGURA UBWO BUGOME BWABO BOSE IVYO BAVA KAKAGERA

  • EJO NAHO DUSAVYE ABASHIGIKIYE NKURUNZIZA BAZE BAVUZE AMAHONI KUVA SASITA NAMIRONGIBIRI GUSHIKA UMWANYA BIFUZA. MURAKOZE

  • mukore ibisoboka vyose uwomuhimbiri aveko ntiyigire ngo yarije araziko yije siporo.musengeje aboneko atakamaro agifise mugihugu.azoveko nkimbwa ruhina niyigire ngo azumbwenge ahubwo mumwereke ko atabwenge afise

  • Ewe MANA Y’UBURUNDI !AHO PETERO NKURUNZIZA NTABONA KWATAMANDA YA GATATU IBAHO NIMBA ADASHAKA KUMERA NKA BANDI BA PRESIDENT BA AFRICA MPOZE? TABARA UBURUNDI MANA.

  • Ewe MANA Y’UBURUNDI !AHO PETERO NKURUNZIZA NTABONA KWATAMANDA YA GATATU IBAHO NIMBA ADASHAKA KUMERA NKA BANDI BA PRESIDENT BA AFRICA MPOZE? TABARA UBURUNDI MANA.

  • Jewe Nkuko Ndabibona Aboba Polici Nsimbona Ingene Bozabarandika Amaparati Yimiduga Azaravuza Amahoni Kandi Apashoferi Babifitiye Uruhusha Ahubwo Nikurabaneza Aboba Police Icobagamize Kobashaka Guhungabanya Igihugu Mbenga Uruhusha Baruhawenande?Bokwandika Imiduga.

  • ehe iyo mihimbiri yaba porici ngo bariko barandika ba mwomenya ukuntu abanyagihu tubafitiy agashavu ntimwokwama munahagarara kurayo mabara bara

  • NONE GA BASHINGANTA MUBONA UMUKURU W’IGIHUGU YOKURWA N’AMAHONI KOKO? MWARASAZE. WOWE ARIWOWE WAKANGWA N’AMAHONI CANKE AMASAFURIYA BOSHYE AKANYABU BARIKO BARATESHA UMUHIGO!!! MURANTWENGEJE CYANE!!!

  • Ahubwo uratwengeje wewe! Kuko numva utazi ico vyasigura! Ntabwo yarayo kumwirukana turetse ko nabwo ataritongo rya se! Ba mubanza mwitonde mukwishura! Akayabu! !!!! Aho kuba we nabakayabu nimpamo!

  • Erega naw Clarisse warasaze! Urabaza abazi kandi bagakurikiranira hafi ivya politique bakubwire ivyabaye muri Gabon! Ahubwo peter natahava kuneza tuzomutera imigerErega naw Clarisse warasaze! Urabaza abazi kandi bagakurikiranira hafi ivya politique bakubwire ivyabaye muri Gabon! Ahubwo peter natahava kuneza tuzomutera imigere!

  • Erega naw Clarisse warasaze! Urabaza abazi kandi bagakurikiranira hafi ivya politique bakubwire ivyabaye muri Gabon! Ahubwo peter natahava kuneza tuzomutera imigerErega naw Clarisse warasaze! Urabaza abazi kandi bagakurikiranira hafi ivya politique bakubwire ivyabaye muri Gabon! Ahubwo peter natahava kuneza tuzomutera imigere!

  • AHUBWO MWABUZE ICO MUKORA. NKABA UNIVERITAIRE MUHENDA BAKAJA KUMABARABARA AHO KWIGA NGO BARIKO BIYAMIRIZA UWO BATATOYE KANDI BATAZIGERA BATORA. CANKE BAKUMBUYE GUKORA KA KABI KABISHE BAKOZE CA GIHE? JEWE NDAZI NEZA KO MUKINDA MUGARAMYE ARITOZA KANDI TURAMUTORA. IKIBABAJE NABO MURIKO MWIGISHA UMUGAMBI MUBI WO KUTAGIRA N’INDERO. AHUBWO ABA POLICE NI BA CONVOQUE IMODOKA ZOSE ZAVUGIJE AMAHONI UHEREYE KUYA VITAL NSHIMIRIMANA EJO AHO BUKERA MUGITONDO. SAWA. MUSHAKA MWOTEKEREZA KUKO NTAHAYE AREKA KANDI AMASO Y’IBIKERE NTABUZA ABAVOMA.

  • Ntaco arabona iyo nintango nakogwe gusa mwirabire abo papa brital nabo nuguca umunyu kugitsure nabo ntavyo bashigikiye , ega napetero arabona ko hasigaye igishitsi cumye amashami na mababi vyavuyeko kera, acinangira umutima nka falawo

  • turashimiy abashoboy kwitaba akamo ahubwo nibatubarir tuzogend kumukura mubiro nivyabangombwa akayamuka yase kuvah

  • Birababaje ariko kazima tukiriho, Ahonshwatsekuvugiki? Prezida Nkurunziza twaramutoye habahonabandi batamutoye ivyonibisanzwe muri democratie ariko harihibintu vyakomeje kumbabaza arivyovyibi bikurikira: Imbereyavyose birazwiko iyumukuru wigihugu arinze yatorwa agatsinda araheza agatwarirabose abamutoye nabatamutoye, Ariko mwinomwaka itanu yokuva mumwaka wa 2010 abatamutoye ntibigeze bakenera kwabatwara habenamba bakomeje kuzukurura biriyanabiriya imyaka itanu irabahereyeko, ikindigifatanyenivyonyene nimundabire umuntuyatowe akaba umukuru wigihugu kandakaba akiri kuntebe yubu prezida bwigihugu cuburundi nikiringociwe kitarahera hakaduka abantu bagakora ibitigezebikorwa bagamusanza mukirimba cumukuru wigihugu nurwamo rwishi ngoturaguhaye ikarata yam’araso! Ndasavye canenshimitse kandi mubitandukanye nivyotwita democratie abantu bateguye iyokarita yamaraso babibazwe mubwitonzintangere, kuko ivyovyavuzwe kuri Prezida Nkurunziza ngwahawe ikarita yamaraso ntahobitaniye nivyonaboneye Gitega vyakorewe prezida Ntibantunganya, kuko Prezida Ntibantunganya yatewe amaziratoke, Nkurunzizanawe atewe amaraso! Bitebebitebuke inyishu itegerezwa kubaho hariho amanota dushaka komukwisa maze tuzobasomere urubanza.

  • Ntamugaboyivugizina atanyoye icongonvyekuvuga ni iki. Iyo u mukuruwigihugu ikiringociwecogutwaragikwiye biraryoshe aciyarekera abandibakajakuntwaro
    Nihovyoba arivyizakuko abanyagubosebipfuzumutekanonogusenyerakumugozumwe kandivyoba
    bireye ngombambaze nikuki? Abaprezida iyobaronsubutegetsi
    Badashakakubisikanyanabandi ukokutabisikanyanabandi
    Biterintuntu beneburundi aribobanyagihugu rero umugaboyihindukizamukiragontiyihindukizakwijambo kwihindukiza ibindibihugu ikiringogishitsebarabisikanya arikuburundibwobwontidutahurigituma

  • jewe nkico novuga kuriyinkuru nuko ivyovyabaye nukwerekana akababaro dufise kuko tudashaka ikiringo cagatatu cumukuru wigihugu ivyo bigasigurako umukuru wigihugu yova mugacerere arimwo akagira ico ashikirije abarundi kuko dutekewe nubwoba bwintambara kandi niyabikora uko azoba ashatse ineza yabarundi nuburundi kuko twaracitse nintambara.

  • abobonse bakominduru ntibigeze butora ntagitanganje kirimwo abasenyeribonse atarazavbavugako axopfavnkabokwagahini mugabo sikovyagenze abamutoye turiyumayiwe hagezeko tuboneka tuzoboneka nwebwe nimubevmuramara ivyanyu abagunyabanga turatekereje muduhamagaye tuzobitaba nihomuzotubona aboturi rindira tumweneze hiryayejo muje mwibarabara bamwe tuxocinyuma abandimbere ntulimuzoducika tuxobafata tu mugombakumukura jimuje mumatora mumukurire nwisandungu yamatora mizoba mumukuye nezacane atanduru ibaye kimwegusabmuzoze mwahaze tuzobafata nablmaboko

  • gakwaya damascene.bi
    ubuhanuzi.

  • kuki akabonero murundi kadahera tuzokwama twiruka se ?

  • jewe ndi mawombi samsoni umukuru wigihugu atatabje igihugu bazomwitsa nkagahini kandi ntimuzomenya iyoyaguye ntaco Imana itakoze ubuhanuzi bwaraje kubwivyo igomba iguhebe upfe wenyene

  • Ndababazwa nabanyagihugu muhendwa ngo muze muma barabara mutize kubiriki batorungikayo abana babo ubu bari kwiga mumakungu namwe mugata imirimo yanyu ngo muri mumyiyerekano ?

  • nange naravugije ihoni

  • Nkirunziza akwiye gucibwa izosi kuko ariye igigugu

  • Oya Ntakibazo Nakomeze Ark Arebe Impamvu Abaturage Bamwanga

  • Ariko se ko nkurunziza tutamusha azayobora ibiti namabuye?gusa akanyeshamba ntigahera disiweee!ngo nise barundi koyabamaze abicaaa!mbega iyomana yomwijuru avuga yoba ayizi canke ayitiranya nimwe ajakubaza igihe azopfira.jewe ukombona ibirikutubaho ninkoni y’Imana kubwamabi arengeje nkurunziza yagiye akorera mugihugu.mbese twibazako yamaraso yababikira yohava yijana?gen.adolph upfuye rumwe naso peter ntawuzapfa adasevye namwe bibagezeho sha!!!!!!!!

  • Ariko se ko nkurunziza tutamusha azayobora ibiti namabuye?gusa akanyeshamba ntigahera disiweee!ngo nise barundi koyabamaze abicaaa!mbega iyomana yomwijuru avuga yoba ayizi canke ayitiranya nimwe ajakubaza igihe azopfira.jewe ukombona ibirikutubaho ninkoni y’Imana kubwamabi arengeje nkurunziza yagiye akorera mugihugu.mbese twibazako yamaraso yababikira yohava yijana?gen.adolph upfuye rumwe naso peter ntawuzapfa adasevye namwe bibagezeho sha!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.