IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abafaransa barashima ingene bakorana n’abasirikare b’abarundi

Abafaransa barashima ingene bakorana n’abasirikare b’abarundi

jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Général de Brigade Fransisco Soriano, umukuru w’abasirikare b’abafaransa bakorera muri Gabon, arashima ingene abasirikare b’abarundi bari muri Centrafrika hamwe no muri Soamliya bakorana n’abasirikare b’abafaransa mu bikorwa barungitswemwo vy’ukugarukana amahoro muri ivyo bihugu.

Mu mubonano umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yagiranye kuri uwu wa gatatu na Général de Brigade Fransisco Soriano, umukuru w’abasirikare b’abafaransa bakorera muri Gabon (commandant des EFG : Eléments Français au Gabon), iyo ntwazangabo yo mu gihugu c’Ubufaransa isanzwe iri mu ndongozi z’umugambi wo kugarukana amahoro muri Centrafrika, yamenyesheje ko ibikorwa vy’abasirikare b’abarundi barungitswe muri Somaliya na Centrafrika bishimishije, kandi ko bakorana neza n’abasirikare b’abafaransa hamwe n’abandi basirikare basangiye ivyo bikorwa.

JPEG - 934.5 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu mubonano na Général de Brigade Fransisco Soriano

Général de Brigade Fransisco Soriano yamenyesheje ko umubonano wiwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza wabaye akaryo ko kuvugana ibikorwa vy’ugukorera hamwe hagati y’abasirikare bo mu bihugu vyo mu muryango wa Afrika yo hagati (Communauté économique des états d’Afrique centrale : CEEAC).


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.