IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abafise amazu yashizweko ibimenyetso basabwa kuyibomorera

Abafise amazu yashizweko ibimenyetso basabwa kuyibomorera

vendredi 25 Mukakaro 2014

Ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara buragabisha abo bose bubatse canke babandanya bubaka ata mpusha kandi batubahirije amategeko. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ca gikorwa co kubomora kikibandanya.

Umushikiranganji Jean Claude Nduwayo amenyesha ko ubushikiranganji arongoye butazokwihanganira abo bose barenga amategeko bayazi. Abajijwe igituma ubushikiranganji bwama bwibuka kubomora kandi ba nyene amazu baba bayubatse ababijejwe barorera, asigura ko ubwo bushikiranganji bufise abakozi bake cane ugereranije n’abanyagihugu bose bari mu gihugu c’Uburundi, gurtyo bigatuma bigorana ukuntu bocungera abo bose bubaka. Ikindi kandi umushikiranganji amenyesha, n’uko ba bandi bose amazu yabo yari yashizweko ibimenyetso kuko bagiye bubaka mu mabarabara canke ku ntsinga za Redideso, asaba ba nyeneyo kwibomorera bonyene ubwabo.

Umushikiranganji Claude Nduwayo asaba abo bubaka kubanza gusaba impusha mu buyobozi bubijejwe bwo gutunganya ibisagara. Mbere agirako asaba abajejwe intwaro gushira ku mugaragaro abo bose biha ububasha bwo kwubaka ata mpusha bafise.
Tubamenyeshe ko ivyo umushikiranganji Jean Claude Nduwayo, ajejwe amazi n’ibidukikije, yabimenyesheje kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 25 Mukakaro, mu gihe ubushikiranganji arongoye bwari buramutse bushikiriza ivyo bwaranguye muri ano mezi atandatu turangije, aho bwaranguye ibitari bike, nk’ibijanye no gutunganya neza amazi, aho batanguje igikorwa co kwubahiriza ca kibanza c’ihemero ry’inzuzi n’ibiyaga, mu kwerekana imetero itegerezwa kwubahirizwa. Kurwanya ivyo vyose bishobora gutosekaza inzuzi hamwe no kwitwararika isuku.

Ubwo bushikiranganji bwarakoze kandi ibitari bike mu vyerekeye gukingira isi n’amashamba, ibitara hamwe n’ibinyabuzima, gukingira isi ndimwa, gutunganya amatongo, uburaro bw’abanyagihugu, hamwe no gutunganya ibisagara n’ibindi. Kuri uno munsi nyene, ubushikiranganji bukaba bwaboneyeho n’akaryo ko gushimira abakozi bava mu bisata bitandukanye bakoze neza gusumvya abandi muri ano mezi atandatu arangiye.


Floxella Karire

Messages

  • AHO NI IBITURIRE GUSA NTA KINDI KUKI BUBATSE MUBONA NTIMUVUGE !!!!???USANGA ARI MWEBWE MWABEMEREYE KUKO NTAWUBAKA UKO ????!!!!MUSHAKA IBITURIRE NTA KINDI KUKO AMATORA AREGEREJE BASHA REKA KUBESHA ABARUNDI ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.