Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Abagabo bayobewe abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa (...)
Abagabo bayobewe abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa cane
mardi 7 Ndamukiza 2015
Abagabo batatu bagize ingorane zo gutandukanya abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa. Bavutse ari abakobwa batatu(Triplets), se wiwe aca afata ingingo ko bazogirira ubugeni rimwe.

Umunsi w’ubugeni ugeze bafise imyaka 29, Rafaela, Rochele na Tagiane bambaye amakanzu asa, bisokoza kumwe, eka vyose bagira bimwe. Abagabo babo: Rafael, Gabriel na Eduardo baragize ingorane zo kubatandukanye kubera uko kuntu basa ariko kugira bashobore kubatandukanye babasavye ko umwe wese yozana ishurwe ririmwo ibara yumvikanyeko n’umugabo wiwe. Kugira vyorohe, Rafaela yazanye ishurwe risa n’umuhondo kugira umugabo wiwe Rafael amutandukanye n’abandi, Rochele yazanye ishurwe ririmwo ibara risa n’ubururu na Tagiane ibara ritukurana

Rafael yagize ati:"Umusi umwe twari turi mu gikoni turiko turondera ivyo dufungura, mu gihe twariko turaganira abo bakobwa bahinduranya ibibanza hanyuma hageze ko asezera umuunzi wiwe asanga asezeye uwutari we."
Ubugeni bwabereye muri Ekleziya ya Nossa Senhora Aparecida Catholic mu gace ka Passo Fundo mu gihugu ca Brezil kw’igenekerezo rya 02 Ndamukiza. Abavyeyi babo Pedro na Salete bari bafise umwana umwe w’umukobwa yitwa Liziele imbere yo kuvyara ubwo bushuri bugizwe n’abakobwa 3.
Cherif Nkeshimana
Messages
8 Ndamukiza 2015, 08:20, par RUPANDE
Mb abo bagabo birirwa baragira ingorane zo kubatandukanya kuki? Ko bose basa umwe wese ntabe yapfa kwenda uwo abonye?
8 Ndamukiza 2015, 10:32, par niyongabojoseph46@yahoo.fr
Umve uwo muntu basha! wewe mariage wibaza ko ari ukwenda gusa!
8 Ndamukiza 2015, 15:48, par ondy
biraryosh vrma!
9 Ndamukiza 2015, 18:23, par EGIDE MAN
emwe ni igitangaza abo bagabo ni incabwenge
10 Ndamukiza 2015, 22:34, par MAISHA
None nimba abo bakobwa barasa kandi barangana, nibaze ko abo bahungu bari batandukandukanye kuburyo abo bakobwa boshoboye kubatandukanya.
12 Ndamukiza 2015, 16:19, par JAJA
birahimbaye kweri
13 Rusama 2015, 10:52, par nduwimanafrancine
basha biraryoshe cane kubona bagirira ubugeni riomwe
12 Gitugutu 2016, 21:51, par 0livier Karekezi Irabaruta
Emwe Vari Bitangaje