Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagabo bayobewe abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Abagabo bayobewe abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa (...)

Abagabo bayobewe abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa cane

mardi 7 Ndamukiza 2015

Abagabo batatu bagize ingorane zo gutandukanya abagore babo ku munsi w’ubugeni kubera basa. Bavutse ari abakobwa batatu(Triplets), se wiwe aca afata ingingo ko bazogirira ubugeni rimwe.

Umunsi w’ubugeni ugeze bafise imyaka 29, Rafaela, Rochele na Tagiane bambaye amakanzu asa, bisokoza kumwe, eka vyose bagira bimwe. Abagabo babo: Rafael, Gabriel na Eduardo baragize ingorane zo kubatandukanye kubera uko kuntu basa ariko kugira bashobore kubatandukanye babasavye ko umwe wese yozana ishurwe ririmwo ibara yumvikanyeko n’umugabo wiwe. Kugira vyorohe, Rafaela yazanye ishurwe risa n’umuhondo kugira umugabo wiwe Rafael amutandukanye n’abandi, Rochele yazanye ishurwe ririmwo ibara risa n’ubururu na Tagiane ibara ritukurana

Rafael yagize ati:"Umusi umwe twari turi mu gikoni turiko turondera ivyo dufungura, mu gihe twariko turaganira abo bakobwa bahinduranya ibibanza hanyuma hageze ko asezera umuunzi wiwe asanga asezeye uwutari we."

Ubugeni bwabereye muri Ekleziya ya Nossa Senhora Aparecida Catholic mu gace ka Passo Fundo mu gihugu ca Brezil kw’igenekerezo rya 02 Ndamukiza. Abavyeyi babo Pedro na Salete bari bafise umwana umwe w’umukobwa yitwa Liziele imbere yo kuvyara ubwo bushuri bugizwe n’abakobwa 3.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.