Umurwi utegura ihiganwa Miss Burundi 2018 washize ahabona amazina y’abigeme 17 batowe kugira bazohiganirwe ikibanza ca Miss Burundi 2018. Intara ya Kayanza niyo iserukiwe kurusha izindi ikaba ifise abigeme batatu muri 17 batowe.
Accueil > Kwidagadura > Defile de mode
Defile de mode
-
Abigeme 17 bazohiganirwa ikibanza ca Miss Burundi 2018 bamenyekanye
1er mai 2018 -
Miss Burundi 2018 : Abakobwa 18 baserukira intara batanguye gutorwa
30 avril 2018Umurwi utegura ihiganwa Miss Burundi 2018 ryaratunganije igikorwa co gucagura abakobwa 18 baserukira intara muri iryo higanwa, kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018. Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mu murwi utegura iryo higanwa, yamenyesheje ko hakiri intara zitaronka abaziserukira mw’ihiganwa Miss Burundi.
-
Umunyamideri Hakim NKENGURUTSE ahamagarira urwaruka kwitaho ico gisata
6 janvier 2018Naho bitari bimenyerewe cane mu Burundi, Hakim NKENGURUTSE ni umunyamideri, akora akazi ko kwerekana impuzu yabitanguye mu mwaka wa 2014. Hakim NKENGURUTSE asaba urwaruka kwitaho uwo mwuga kuko yaba umukobwa canke umuhungu ashobora kubikora.
-
Ishirahamwe SIEPE ryatunganije igiteramo Miss and Mister Fashion
4 janvier 2018Ishirahamwe SIEPE (Société d’importation et de Promotion évenementielle), ricishije mw’ihiganwa ry’intambuko z’inkumi n’imisore mukwerekana ubwiza, inyambaro, ryateguye igiteramo ciswe Miss and Mister Fashion Burundi. Ico giteramo kizoba kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero 2018, kuri Pasta Comedia.
-
Isabakuru y’amavuka ya Miss Burundi 2017 yaranzwe n’ama "Surprises" menshi
28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANAUrunganwe rurwiriyemwo abigeme benshi n’abasore bake, bambaye nk’abiteguriye umugeni bagorobeje mu kibanza ca Aréna. Aho muri Aréna bari biteguriye kugirira "surprise" Miss Burundi 2017. Eka si abo gusa bari biteguriye gutangaza Miss, n’abaririmvyi nka Double Jay na Yves Kami barabiciye biracika ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.
-
Miss Ange Bernice Ingabire ari mw’ihiganwa muri Afrika y’epfo asaba amajwi
25 Myandagaro 2017Ange Bernice Ingabire ageze mu gihugu ca Africa y’epfo aho yitavye ihiganwa ry’aba Miss batowe muri Africa mu mwaka w’i 2016. Atera akamo Abarundi bose iyo bava bakagera n’abakunzi b’Uburundi kumuha amajwi. Muri iryo higanwa, ijwi rigugwa ama dollars.
-
Umwigeme NIKUZE Annie Bernice yatowe nka "Miss Burundi 2017"
22 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANAUmwigeme mwiza kandi aciye ubwenge kurusha abandi "Miss Burundi2017" yamenyekanye. Ni NIKUZE Annie Bernice w’imyaka 21, yaserukiye intara ya Ruyigi. Niwe yatowe kuri uwu wa gatandatu, mu gice ca nyuma c’ihiganwa.
-
Miss 2017 MUGISHA Luce Charlène afise umugambi w’ugufasha urwaruka rutabandanije amashure
21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANAMUGISHA Luce Charlène w’imyaka 19 aserukira intara ya Bubanza, akaba asanzwe ari umunyeshure kuri kaminuza yitiriwe umuco.
-
Miss 2017 KEZIMANA Vanessa ashigikiye umugambi w’ukugabanya imbamyi ku bigeme bakiri mw’ishure
21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANAKEZIMANA Vanessa aserukira intara ya Makamba asanzwe ari umunyeshure kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika.
-
Miss 2017 NDACAYISABA Edith Modeste : Igisata c’uburimyi cotezwa imbere
21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANANDACAYISABA Edith Modeste w’imyaka 24 aserukira intara ya Kayanza, akaba asanzwe ari umunyeshure kuri Kaminuza «Bujumbura International University».