Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss 2017 KEZIMANA Vanessa ashigikiye umugambi w’ukugabanya imbamyi ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Miss 2017 KEZIMANA Vanessa ashigikiye umugambi w’ukugabanya imbamyi ku (...)

Miss 2017 KEZIMANA Vanessa ashigikiye umugambi w’ukugabanya imbamyi ku bigeme bakiri mw’ishure

vendredi 21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Avuga ko icatumye aja mw’ihiganwa rya Miss Burundi ari kubera abamwegereye bamye bamubwira ko afise ibisabwa kugira aje muri iryo higanwa, ariko ntiyiyemere.

Uwo mwigeme w’imyaka 23 amenyesha ko afise umugambi wo kugerageza kugabanya igitigiri c’abigeme batwara inda baciga. Ku bwiwe, kuja mw’ihiganwa rya Miss Burundi ni n’akaryo ko gutanga intererano yiwe ku mugambi wa Reta w’uko ata mwigeme yosubira gutwara inda akiri ku ntebe y’ishure.

Kezimana Vanessa yemeza ko icatumye yiyumvira uwo mugambi ni kubera abona ibitigira vy’abigeme batwara inda mu mashure ciyongereye.

Mu gutora KEZIMANA Vanessa wandika Miss Makamba, ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.