Umukuru w’urunani UNABUDI (Union des Artistes Musiciens Burundais de la Diaspora), Felicien MINANI NSENGIYUMVA amenyeshako anejerejwe na bamwe mu baririmvyi b’Abarundi bateguye isabukuru yitiriwe « NEZERA FESTIVAL » izobera muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 31 Myandagaro hamwe no ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya mbere Nyakanga 2018.
Accueil > Kwidagadura > Igiteramo
Igiteramo
-
Umukuru wa UNABUDI arakeza abateguye « NEZERA FESTIVAL »
31 August 2018, by vianney -
Future Media yabateguriye igiteramo kidasanzwe kuruyu wa gatandatu
11 August 2018, by vianneyFuture media isanzwe itegura ibiteramo bitandukanye yatunganije kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 11 Myandagaro 2018 igiteramo kidasanzwe c’abantu batera inkuru zitwenza “Comedie” mu rurimi rw’Igifaransa citiriwe Kigingi Summer Comedy aho vyitezwe ko citabwa n’ibihangange mu gutwenza bo mu bihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.
-
DJ Spinny ari i Bujumbura kugirisha igiteramo ca mbere ca Silent Disco
16 février 2018Kalisa Joseph bataziza DJ Spinny,ava mu gihugu c’Ubuganda, akaba akora akazi ko kuvuza umuziki (Disc Jockey), kuva ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, abarizwa I Bujumbura, akaba azanywe no kuremesha ibiteramo vyiswe « Silent Disco », bitegekanijwe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, kuri Zion Beach, hamwe no ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma2018 kuri Pacha Club.
-
Bimwe mu bitagenze neza mu giteramo ca Ikoh i Makamba
26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANAInyuma y’intara ya Gitega, Makamba yaraye yakiriye ibiteramo bibiri yari yateguriwe na Ikoh Multiservice mu gisata ca Ikoh intertnaiment. Kuri uwo munsi wa Noweri, abanyamakamba bagwiriyemwo abana baritabiriye igiteramo carimwo no kwakira imvukira yabo, Franck Duniano.
-
Menya indirimbo zatowe ku ncuro ya mbere muri "Isanganiro Awards"
27 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANAUmurwi uruko utegura ihiganwa ryitiriwe "Isanganiro Awards" washize ahabona indirimbo zatowe mw’ijonjora rya mbere. Guteza imbere umuziki niyo ntumbero nyamukuru y’iryo higanwa, nk’uko bivugwa n’abariko bararitegura.
-
Fizzo na Sauti Sol bagiye gushusha ihayanishwa gurisha
13 Nyakanga 2017Vyamaze kumenyekana ko umurwi w’abaririmvyi ba Sauti Sol bazoba bari guteramo kizoba mu gihe hazoba hariko haba ihanishwa gurisha. Bantu Bwoy azokwugura ibirori na yo Sauti sol bavyugare.
-
Fizzo na Lolilo barabana ay’ingwe bagiye guhurira mu giteramo
31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANAIbintu ntibizokworoha hagati ya Big Fizzo na Lolilo mu giteramo bazohuriramwo, mu gihe abo babiri basanzwe barabana ay’ingwe.
-
RTNB Music Talent: Agashimwe kazohabwa uwa mbere kabaye ibanga
24 Myandagaro 2017Ibirori vyo kurangiza ihiganwa ryateguwe n’Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu birashushe. Ba baririmvyi batorwa mu ntara bararindiriye isango aho umwe muri bo azoterwa iteka ryo gutahukana agashimwe. Ba baririmvyi bazoremesha ico giteramo baramaze kumenyekana.
-
Google yatanguje ubuhinga bwo kumenya amashusho y’ukuri n’ayatari ay’ukuri
24 Myandagaro 2017Google isanzwe ikoreshwa n’abantu benshi yashizeho ubuhinga bushasha bufasha abayironderako ibintu bitandukanye kumenya namba ico barondera ari ico biganye canke ari ic’ukuri.
-
"Kuyobora igiteramo biratanga amahera ariko bisaba ubumenyi bwinshi" - Ami Pro
21 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANAAkazi ko kuba umuyobara biteramo "Master of Ceremonies" ntikoroshe na gato, ariko karashobora kubeshaho uwugakora. Ivyo bivugwa na Ami Pro, ariko amenyekana cane muri uwo mwuga. Ivyo abivuze inyuma y’aho yabaye bitumwako mu kuzoshusha ibirori vy’igiteramo ca Navy Kenzo mu Burundi.