RTNB Music Talent: Agashimwe kazohabwa uwa mbere kabaye ibanga

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 24 Myandagaro 2017 saa 05:14
Yasomwe : 4014
0 0

Ibirori vyo kurangiza ihiganwa ryateguwe n’Insamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu birashushe. Ba baririmvyi batorwa mu ntara bararindiriye isango aho umwe muri bo azoterwa iteka ryo gutahukana agashimwe. Ba baririmvyi bazoremesha ico giteramo baramaze kumenyekana.

Hasigaye iminsi mikeyi ngo ihiganwa ryitiriwe "RTNB Music Talent" rirangire. Abaririmvyi icumi na batandatu bakurikira ni batowe mu mahiganwa y’ibanze yabereye mu ntara zo hagati mu gihugu zigabuwemwo kane.

Mbega ni bande batowe mu ntara?

Mu buraruko hatowe:

1. Ndayisaba Leonard,
2. Nindemesha David,
3. Ndagiwenayo Epimaque, na Macumi Bosco.
Mu ntara zo hagati no mu Buseruko hatowe:
1. Mboihankuye Innocent na Ndayizeye Jean- Marie,
2. Ininahazwe Christelle,
3. Ntuzwenimana Innocent, na Nsengiyumva Aime Zebedee.

Mu Bumanuko hatowe:

1.Young Famous,
2.Hassan Djuma,
3. Leonce Nitanga hamwe na Jeanson Tuyishemeze.

Mu buraruko naho hatowe:

1. Cedric Bangy,
2. Niyukuri Arielle,
3.Nizigiyimana Dieudonne, na Bigirimana Ahmad Boma.

Abo nibo bazotorwamwo umwe azohabwa agashimwe. Naho biri uko agashimwe kazotangwa ntikaramenyekana, ariko muri RTNB baravuga ko kariho. Uwotsindira RTNB Music Talent azotorwa n’umurwi w’abahinga ugizwe na Ngabo Leonce, Musenyeri Justin Baransananikiye, Melchiad Nkeshimana, Yvette Kwizera, hamwe na Reverien.

Ibirori vyo kurangiza iryo higanwa rizoba rihagarariwe n’abaririmvyi: Big Fizzo, umurwi Peace and Love, Natacha, Rally Jo hamwe na B Face.

Tubibutse ko ihiganwa rya RTNB Music Talent rizoba kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro mu bigo vya Lycee Scheppers, bita kandi kuri EFI Nyakabiga.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha