IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Google yatanguje ubuhinga bwo kumenya amashusho y’ukuri n’ayatari (...)

Google yatanguje ubuhinga bwo kumenya amashusho y’ukuri n’ayatari ay’ukuri

jeudi 24 Myandagaro 2017

Ubuhinga bushasha Google yashizeho buzofasha cane abahora bayironderako amashusho, bakabona menshi asa, bikabagora kumenya iy’ukuri.

Ikinyamakuru "The Independent" co mu Bwongereza camenyesheje ko ibibazo vyari bihari ari uko hari ubundi buhinga abantu bakoresha barondera amashusho, ariko bikabagora kumenya namba ayo bariko barabona ari ay’ukuri, hakaba ayo basanga yariganwe.

Umuyobozi ajejwe ibikorwa muri Google, Prashant Baheti, yavuze ko ubwo buhinga buzofasha umuntu kuronka ico arondera cose mu mwanya muto, kandi akaronka ic’ukuri.

Ubuyobozi bwa Google buvuga ko ubwo buhinga buzokoresha gusa abakoresha Android canke Chrome muri terefone, ariko ntibaravuga aho ubwo buhinga buzotangura gukoreshwa ku bakoresha imashini nyabwonko.

Ubu buhinga bushasha bufasha mu kurondera amashusho kuri Google, bukora ku muntu wese akoresha Wi-Fi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.