IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Fizzo na Lolilo barabana ay’ingwe bagiye guhurira mu giteramo

Fizzo na Lolilo barabana ay’ingwe bagiye guhurira mu giteramo

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kunyinyurana hagati ya Fizzo na Lolilo bigiye kugaragara mu giteramo co kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 03 Nyakanga kuri Lacoste Beach. Abo bagabo babiri bapfa ubugabo bazoniganisha ibikorwa vyabo bazokwerekana imbere y’abakunzi babo. Ivyo bizoba kandi iruhande n’umurwi w’abashitsi b’ababaririmvyi Navy Kenzo bazoba bavuye muri Tanzaniya hamwe n’umurwi Peace & Love.

Inyuma y’ururirimbo "Konzi" rwa Fizzo yitazira "Bantu Bwoy", ubu asigaye yiyita Konzi, akigereranya n’ubukombe bw’imamfu. Eka na Lolilo batazira mzizi wa jiwe, ntiyatanzwe gusohora ururirimbo "Kofi". Muri urwo ruririmbo, Lolilo yiha ishusho y’ubukombe bw’intambwe.

Nk’uko rero "Konzi" na "Koffi" zabaye indirimbo zo kwishurana no gutyozanya hagati y’imamfu (Fizzo) n’intambwe (Lolilo), ubu bigiye kubera ku mugaragaro kuri uwo munsi w’Imana. Bikaboneka nk’intambara izoba hagati y’imamfu n’intambwe. Aba n’abandi bati : "Ni nde mukuru hagati y’imamfu n’intambwe".


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • kubwanje numva ari ingwano nziza,hazoryoherwa uwuzoba yaje kuraba iyontambara.ariko abaririmvyi bacu bari bakwiye kureka gushotorana bakitaho guteza imbere umuziki ndundi,ubu uzosanga turi kugura indirimbo zabanyamahanga izabiwacu ziriho.bakishinga amakonzi namakofe,bazosanga abarundi twabaye abatanzaniya,abanyarwanda,uganda nijeriya nahandi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.