Future Media yabateguriye igiteramo kidasanzwe kuruyu wa gatandatu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 August 2018 saa 05:27
7005
0 0

Future media isanzwe itegura ibiteramo bitandukanye yatunganije kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 11 Myandagaro 2018 igiteramo kidasanzwe c’abantu batera inkuru zitwenza “Comedie” mu rurimi rw’Igifaransa citiriwe Kigingi Summer Comedy aho vyitezwe ko citabwa n’ibihangange mu gutwenza bo mu bihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Kigingi ari mu batunganije ico giteramo akongera akaba umwe mu bakora uyo mwuga amenyeshako imyiteguro imeze neza kandi n’abashitsi bari biteze bava mu bindi bihugu baza bashitse.

Kigingi abandanya avuga ko Comedie ituma abantu benshi bakorana kandi aba ari umwanya kugira wo kumenyekanisha ibintu vyabo bitandukanye.

Mammito ava mu gihugu ca Kenya yemeza ko ari kumwe n’abandi bavuye muribi bihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko baza gukora ibishoboka kugira igeteramo kibe ciza cane.

Abitezwe baza kuremesha ico giteramo kidasanzwe ni Michael Ross ava mu gihugu c’Ubuganda,Mammito wo gihugu ca Kenya,M.c.Pilipili wo mu gihugu ca Tanzaniya,Arthur NKUSI wo mu gihugu c’Urwanda hamwe na Kigingi wo mu Burundi.

Igiteramo Kigingi Summer Comedy kibera ahitwa ST TROPEZ,umuntu akinjira ku mafaranga ibihumbi 10 gusa vy’amafaranga y’amarundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha