IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > "Kuyobora igiteramo biratanga amahera ariko bisaba ubumenyi bwinshi" - Ami (...)

"Kuyobora igiteramo biratanga amahera ariko bisaba ubumenyi bwinshi" - Ami Pro

lundi 21 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ami Pro amaze gutorwa kuzoyobora ibirori "Master of Ceremonies" vy’igiteramo c’umurwi Navy Kenzo wo muri Tanzaniya hamwe na Big Fizzo, Lolio na Peace and Love mu Burundi, yatubwiye ibimugora muri ako kazi, n’inyungu agakuramwo.

Ami Pro atubwira ko akazi k’umu MC kagorana bivanye n’umurwi w’abantu bitavye igiteramo canke isabukuru, n’ibindi. Avuga ko gushusha urwaruka bitandukanye no gushusha abantu bisumbuye. Ku bwiwe, bisaba ubuhinga bwo kumenya ibiryohera umurwi uyu canke uriya. Ikindi bisaba ko umu MC amenya vyinshi ku bijanye n’igikorwa kigira kibe.

Afatiye ku giteramo cimirije ca Navy Kenzo, Ami Pro avuga ko bimusaba kumenya kahise na kubu kuwo murwi co kimwe n’ivya bo Barundi. Ikindi yavuze gishobora kugorana, ni kumenya indimi nyinshi, naho ku bwiwe iyo ngorane atayo afise kuko asanzwe akoresha indimi zine (Ikirundi, Igiswahili, Igifaransa n’Icongereza).

Ami Pro amenyesha ko kuyobora ibiteramo ari kandi akazi keza kuko gashobora gutunga umuntu. Ivyo abivuga afatiye ku biteramo amaze kuyobora : Fizzo ashira ku mugaragaro urukurikirane yise Fizzology, Sat-b ashira ku mugaragaro urukurikirane Iwacu, igiteramo ca Charlie na Nina mu Buurndi, hamwe n’igiteramo giheruka "Dunda na Buja Fm2017. Muri kino gihe, Ami Pro ariko akorana na Brarudi muri Coca Cola Summer Tour aho azoyobora ibiteramo mu ntara zitandatu, akaba n’ubu yimirije gufata urugendo rwo mu Rwanda mu giteramo ca Charlie na Nina.

Tubibutse ko Ami Pro asanzwe ari umumenyeshamakuru ku nsamirizi Buja Fm aho aremesha ikiganiro c’abaririmvyi "Hit Connection".


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.