IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > DJ Spinny ari i Bujumbura kugirisha igiteramo ca mbere ca Silent (...)

DJ Spinny ari i Bujumbura kugirisha igiteramo ca mbere ca Silent Disco

vendredi 16 février 2018

Silent Disco ni irya mbere ibaye mu Burundi, ubwo buryo bwo kwumviriza no gutamba umuziki bambaye ama kasike(casque/écouteurs), ata muziki wumvikana mu kibanza barimwo.

DJ Spinny, aho yashika ku kibuga c’ingege ca Bujumbura igihe c’isaha 16h30, yavuze ko anezerejwe no kuba ashitse mu Burundi guteramisha abakunzi b’umuziki.

Spinny avuga ati « Naripfuje kuva kera kuza guteramisha bene wacu b’abarundi ariko ntivyari bwankundire ko ndahashika.Kuri jewe ni umunezero udasanzwe kuba ndi ngaha, abarundi ndabakunda cane, niyo mpamvu naje kugira turyohererwe hamwe muri Silent Disco. »

Gretta KWIZERA, atunganya ibiteramo vya Silent Disco, avuga ko Silent Disco ari uburyo bushasha azanye ku bakunda kwidagadura, na cane cane abakunzi b’umuziki no gutamba.

Gretta KWIZERA asigura ko uwuja muri Silent Disco aronswa Casike (casque/écouteurs), yinjirana hakaba hari aba DJ 6 bavuza imiziki itandukanye, umuntu akumviriza indirimbo z’umu DJ ashatse.

Muri ivyo biteramo ,DJ Spinny aza kuba ari kumwe n’abandi ba DJ b’abarundi baza gufashanya nka DJ Vampire, DJ Philbert, DJ Israel, DJ Yan Santana, na DJ Patman.

Ukwinjira muri Silent Disco haba kuri Zion Beach canke kuri Pacha Club ni amafaranga 20.0000fr, bigatangura igihe c’isaha imwe y’ijoro gushika buce.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.