IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Menya indirimbo zatowe ku ncuro ya mbere muri "Isanganiro Awards"

Menya indirimbo zatowe ku ncuro ya mbere muri "Isanganiro Awards"

mercredi 27 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru dukura ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Radio Isanganiro, avuga igikorwa ca mbere c’umurwi ujejwe gutunganya "Isanganiro Awards" caheze. Ayo makuru avuga ko ico gikorwa kitoroshe na gato na rirya indirimbo zariko zihiganwa zaba zimeze neza zose. Indirimbo 20 nizo zatowe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 25 Nyakanga. Urutonde rw’izo ndirimbo rwasohotse kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga.

Urwo rutonde rw’indirimbo mirongo ibiri ni uru rukurikira :

1. Ntabundi buhinga(Peace&Love)
2. Burundi Bwacu (Franck na Chany Queen)
3. Burundi(Yves Kami)
4. Akiwacu (Fabylove&Floris)
5. Barafashanya (Donatien)
6. Freedom (Vestine)
7. Haranira Amahoro (Peace&Love)
8. Hindura (Pisco Melody)
9. Ibisazi (Prince Zoé Big)
10. Iyamirize (Natacha)
11. Mawe (Chany Queen)
12. Ndabibona (Esther Nish)
13. Stress (BFace&Yoya)
14. Tube Umwe (Bernice Fin)
15. Turahuza (Gisa Steve)
16. Urukundo (gospel GN (
17. Vuga (Vestine)
18. Mfura ya Maman(Marembo)
19. Mapenzi (André)
20. Ubibona Gute(Délos).

Izo ndirimbo zatowe hisunzwe imwe imwe yose yavugijwe mu nsamirizi n’ahandi, ubutumwa buri mu ruririmbo, hamwe n’uko ururirimbo ruri mu Kirundi, ubuhinga n’umudiho rukozwemwo.

Ayo makuru nyene arakura amakenga ku kibazo c’uko harimwo indirimbo zirenga imwe z’umuririmvyi canke umurwi w’abaririmvyi. Inyishu ni uko ihiganwa rya "Isanganiro Awards" rifise intumbero yo guteza imbere indirimbo atari umuririmvyi ubwiwe.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.