IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Fizzo na Sauti Sol bagiye gushusha ihayanishwa gurisha

Fizzo na Sauti Sol bagiye gushusha ihayanishwa gurisha

mercredi 13 Nyakanga 2017

Big Fizzo canke Bantu Bwoy canke Konzi yamaze kwemeza ko ari azokwugurura ibirori umunani yahariwe ihayanishwa gurishwa ryateguwe na ba Kenya rikazobera kuri Tempete kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika kurya 22 Nyakanga. Fizzo avuga k ata gisivya, isaha icumi n’imwe z’umuhingamo azoba atanguye gushusha ibirori.

Kuri iyi ncuro ya kane y’ihayanishwa gurisha ry’aba Kenya, umurwi wa Sauti Sol azokwishikira mu Burundi, aha bazoresha igiteramo ku muhingamo w’igenekerezo rya 22 Nyakanga kuva isaha icumi.

Sauti Sol nabo bamaze kwemeza ko kuza mu Burundi atari ivy’akarimi, ahubwo ari ukuri kwuzuye. Abo rero bazoba bavuye mugihugu c’Ububiligi ahobazoba bagiye kuremesha igiteramo ku ncuro ya mbere.

PNG - 646.5 ko
Umurwi Sauti Sol

Tubibutse ko Sauti Sol ari umurwi w’abaririmvyi b mu guhugu ca Kenya ugizwe n’imisore ine ariyo: Bien-Aimé Baraza, Willis Chimano, Savara Mudigi, Polycarp Otieno. Aha mu Burundi bazwi cane cane mu ndirimbo nka "Nerea, Kuliko Jana, Sura Yako" n’izindi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.